IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > Kidumu ariyamiriza abantu bamucafuza baciye k’umuhora wiwe wa (...)

Kidumu ariyamiriza abantu bamucafuza baciye k’umuhora wiwe wa facebook

mardi 14 Rusama 2013

Umuririmvyi Kidumu Kibido Kibuganizo, ariyamiriza abamaze iminsi bakoresha umurongo wiwe wo kubuhinga ngurukanabumenyi facebook mu gushirako ibintu bitagira umutwe n’amaguru.

Umuririmvyi Kidumu asanzwe aba mu gihugu ca Kenya aho ndetse arangurira n’ibikorwa vyiwe bitandukanye, avuga ko abantu bashirako ivyo bintu ari abagomba kumwononera izina ryiwe na cane cane ko ari umuririmvyi azwi cane mu karere ndetse no kw’isi yose.

Kidumu amenyesha kandi ko Facebook yiwe atayikorerako ibibonetse vyose, ko ahubwo ayikoresha iyo ariko akora ibimenyeshwa ku bijanye n’ ibiteramo vyiwe n’indirimbo ziwe, canke nk’iyo ariko ashirako utuntu dutwengeje mu ntumbero yo kuba aratwenza abakunzi biwe, ariko akababazwa n’abantu bandika ibiterasoni ku murongo wiwe wa face book.

Abandanya avuga ko gushika ubu ataramenya umuntu amukorera ivyo, kuko kenshi uwo muntu canke abo bantu bahengera ahejeje kwikorera akazi kiwe k’ibimenyeshwa uwo muntu nawe canke abo bantu bagaca bashirako ibintu vyabo.
Abandanya amenyesha ko hazogera naho yugara facebook yiwe hako abo bantu bo mwononera izina ryiwe, mu gihe amenyesha ko ubu amaze kugira abana bakoresha umuhora wa face book, ati birateye isoni hamwe abana bakiri bato biwe canke abandi bo mubonako ivyo biterasoni bamwandikako.

Ivyo kidumu akaba yabimenyesheje ari i Vancouver mu gihugu ca Canada, aho atera akamo umuntu azi ko yinjira ku murongo wiwe akongera agatuma abantu bamwiyumvira nabi ko ariwe yandika ivyo biterasoni ko yohagarika kuko niyamumenya azitura ubutungane.


Joel Sengurebe

Messages

  • Ego vraiment nanje abobantu ndabateye utwasti .oyo ni petit frere.ngira nawenyene arabizi kandi aranzi.ahubwo impanuro noguha. Nukubachakure, ntibaze bakwanduze.canke banduze umuryango wawe?ndabishuye ndi muri,zimbabwe.ahubwo mbabajwe na barundi bahuye ni segenya ry’imvura ryahitanye ubarundi bumutima.eka imana ibane nabo mubugingo budashira.ababuze, nabo ntibibagire ivya nditswe muri bibilia .twavuye mwivu tuzosubira mwivu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.