IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > N John > Inkuru > N John ariko akora ibiteramo n’indirimbo bikomeye mu buhungiro

N John ariko akora ibiteramo n’indirimbo bikomeye mu buhungiro

lundi 16 Ntwarante 2015

Umuririmvyi N John Melodica ntiyareze amaboko naho ari mu buhungiro, gukorana n’abandi baririmvyi n’abahinyanyuzi, ibiteramo, indirimbo nshasha, nivyo ariko ashimikirako mu kwagura umuziki ndundi. Igiteramo giheruka camuhaye intege.

Amakuru duhabwa na N John iyo yahungiye, avuga ko atigeze arera amaboko kuko niyo yahungiye bararirimba. Kuri uwo wa gatandatu igenekerezo rya 14 Ntwarante, N John Melodica afadikanije n’umurwi Baino Bandbagize igiteramo c’agakura ahitwa PIZZA GARDEN. John arashima uko igiteramo citabiriwe ku rugero ruhagije. N John Melodica ati:" Ururirimbo Nsekera ruriko runkorera ibitangaza. Nsekera iravyinitse, iratambika". Ururirimbo NSEKERA ruriko rukorwa n’umuhinyanyuzi Ray-P, yahoze ari umuhinyanyuzi mu gihugu c’Urwanda, ntirurahera neza ariko rugiye gusohoka.

Iyo ari mu buhungiro, N John Melodica amaze gusohora indirimbo zikurikira: 1.Hakuna mahali 2. My love , 3. Nsekera, 4. Ndagukunda, 6. Burundi ft Baino

Tumubajije ko yipfuza kugaruka mu BURUNDI, N John ati:"Turategereje inyishu umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama azotanga kuko yemeye ko agiye kuvugana na bagenziwe ibitwerekeye. Nditeguye gutaha igihe cose nokwumvako umutekano wanje uzoba wifashe neza. Ndakunda Uburundi bwanje, ndanabukumbuye".

.

Umviriza uririmbo "Hafi yawe" rwa N John


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.