IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > N John > Inkuru > Ubutumwa bukomeye N John yarungikiye urwaruka iyo ari mu kinyegero

Ubutumwa bukomeye N John yarungikiye urwaruka iyo ari mu kinyegero

vendredi 16 Nzero 2015

Inyuma yo guhunga igihugu, iyo ari mu kinyegero umuririmvyi N John asaba urwaruka kwirinda kuba ibikoresho vy’abanye poritike. Avuga kandi ko agiye kuririmbira iyo yahungiye.

Umuririmvyi N John yahunze igihugu kuva aho ururirimbo "Ndasavy’Ijambo rutsindiye "Isanganiro Awards 2014"bigatuma bamwubakire icibutso mu ntara ya Karuzi. Uwo rero avuga ati:"Mbwira abarundi gufatana mu nda tumenyeko kudasangira umugambwe, kudasangira ivyiyumviro ntibitume tubipfa. Ubuzima bw’umuntu ntibwari bukwiye gusinzikazwa ku mvo iyi canke iriya. Ivyarivyo vyose urwaruka rwokwirinda kuba ibikoresho vy’abanyeporitique kuko uheza guhemuka ibigori bikera, kandi umurundi wese niyibuke ko uwuhemuka kubera ibintu ubukene burahera igihemu kibi ntigihere. Enda ni twime amatwi abadutandukanya ku bw’inyungu zabo, twubake igihugu kizira agatotezo akarenganyo maze amahoro n’amahonda vy’ihorere iwacu iburundi".

N John yongera akavuga ko ashobora kubandanya akora umuziki wiwe iyo yahungiye kuko amaze kumenyana na bamwe mu baririmvyi hamwe n’abahinyanyuzi.

Umviriza kandi ururirimbo "Ndasvy’Ijambo" rwatumye N John Melodica yomoka


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.