IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > N John > Inkuru > N John Melodica ahungutse yakiriwe n’umushikiranganji w’urwaruka : (...)

N John Melodica ahungutse yakiriwe n’umushikiranganji w’urwaruka : Amafoto

lundi 13 Ndamukiza 2015

N John yaraye atahutse mu gihugu c’amavukiro yiwe inyuma yo guhungira mu bihugu bibanyi. Uwo muririmvyi ntiyagumye yinyegeje gusa aho yari, kuko yavuyeyo akoze indirimbo zitari nke kandi akoranye n’abandi baririmvyi.

Inyuma y’amezi ashika 3 ahunze igihugu, N John Melodica yaraye atahutse mu Burundi. Avuga ko yitavye akamo umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imicokama yaheruka gutera Abaririmvyi bivugwa ko bahunze igihugu kubera umutekano muke.

Uwo muririmvyi yakiriwe n’umushikiranganji Adolphe Rukenkanya. Yamwakiriye muri Kibunoah Hotel aho yari asanzwe yakiriye abakinyi batandukanye : Aba Judo baheruka gutahukana imidari myinshi muri zone 5, amahiganwa yabereye muri Tanzaniya, abakobwa SADA Nahimana na Aicha baronse uburenganzira bwo kuzoserukira Uburundi muri Tennis mu nkino zizobera i Rio de Janeiro 2016, hamwe no kwakira umuhagarikizi mpuzamakungu Nadine NIBIGIRA.

Tubibutse ko N John yari yahunze kubera yariko agirwako iterabwoba n’abantu bataramenyekana, akavuga ko vyari bivuye ku ruririmbo "Ndasavy’Ijambo". Yari yahungiye mu gihugu ca Kenya, yakirwa n’umuririmvyi Nyandwi Baino asanzwe abayo. Uwo ni nawe yamufashije gukora indirimbo n’amasanamu yakoreye aho muri Kenya.

Ubu rero N John agiye gutegura igiteramo kizobera mu ntara avukamwo ya Karusi, neza neza i Bugenyuzi, akatubwira ko umushikiranganji yemeye kuzomufasha muri ico giteramo.

Raba isanamu y’ururirimbo "Nsekera" N John yakoreye mu buhungiro


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.