IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Emelance Emy > inkuru > Emelance arabeshuza abamwararaje ko yoba adandaza ibigori kw’ibarabara (...)

Emelance arabeshuza abamwararaje ko yoba adandaza ibigori kw’ibarabara (ifoto)

samedi 21 Ruhuhuma 2015

Umuririmvyikazi Emelance Emy arabeshuza amakuru yaciye kuri facebook yamwagiriza ko yoba yotsa ibigori kw’ibarabara rya Musaga hafi y’aho asanzwe aba.

Inyuma yaho haciye urwandiko kuri facebook ruvuga ko Emelance Emy yoba agurisha ibigori yokeje kw’ibarabara ryo ku Musaga, hakerekanwa n’ifoto ariko arahekenya ikigori, Emelance yabwiye ikinyamakuru indundi ko ababajwe n’abantu bandika ivyo batatohoje, ko bari bakwiye kwandika ukuri canke bakandika ibikorwa vy’akamaro vyiwe kuko arabifise.

Avuga ko atazi iyo vyavuye kugira bamwararaze kugeza nk’uko. Ikindi avuga n’uko abo bandika ivyo boreka gusuzugura ako kazi ko kwotsa ibigori kuko hari imiryango gatunze kandi n’abarya ibigori ntibagoka.

Mwomenya ko inkuru zo gutyoza abaririmvyi biciye kuri facebook zigisibije, iyo ya Emelance ije inyuma y’inkuru berekanye Sat B ariko agendera kw’ikinga (taxi velo), ahandi bakaba bigeze kwandika ko Yoya yapfuye n’izindi.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Uku ni kurengera agateka kazina muntu vraiment. None uwutarya ninde? Ibi vyerekana manque de maturite y’abanyagihugu. Ubuhinga bwa none abandi babukoresha mu kwiteza imbere abarundi nabo babukoresha mu gushira abantu ku masite ngo bariye ibigori. Ibi bintu leta itabihagurukiye ndabona aba bantu bazokoza isoni uburundi. Nagira bamusanze ariko akora ibidakorwa? Aha hanze mubihugu biteye imbere bazi ico internet ikora bayikoresha mubifise akamaro apana mubitagira mvura.
    Hanyuma nkuko ejo nari nanditse , uyu mumenyesha makuru bamuhaye akazi kubera babuze abakozi canke kko inkuru ziwe ni umucafu ahubwo ngira no kuri facebook avuga niwe yari yabishizeho kko ntawundi muntu yiyumvira yobigira kiretse. Niwe wenyene atanga inkuru mu Burundi twita z’URUSAKU zitagira umumaro. None iyi yo aha umurundi imumarira iki? Jewe nosaba ko uyu mukobwa yokwitwarira uyu mu menyeshamakuru yamushize aha. Iwabu munzu ntabarya ibigori nabo ngo abazane ngaha?

  • Ariko ntakuntu abakoresha ububuhingabwanone bobukoresha mukubwirana ibintuvyokwubakana hakubukoresha mugusamburana noguryozanya, ahasinshatse kuvugako kwoca ibigori aruguryoza umuntu nkuko uyumukobwa (umugore) yabivuze, Arikondashaka kubabwirako atakazi nakamwe umuntu afitiye uburengazira mukugakoresha avyitirirako uwugakora abagowe canke abafise imibereho mibi, mukomejegurtyo ubushomeri buzokomeza kwiyongera. Rekandababwire, mubihuguvyateye imbere umuntu ariga akaminuza maze ahejeje kuronkurupapuro ryumutsindo agaheza agatangura kurondeza abantu bomwemerera kuzarabakuburira amazuyabo, noneho agatangura kubakoreranezacane maze abantubagakomeza kwiyongera mukumurondera ngwaje kubakuburira amazu akagerigihe akarondera abandibantu bamufasha mwivyobikorwa haragerigihe atangura kuzarazunguruka kuraba abakozi iyoyabarungitse gukora maze akibera General Manager wikampanyi yiwe. Abandi bamara zakaminuza bakaja gutangura kwugurura ama salon yogukata imishatsi, abandi bagatangura kwugurura ahobarerera abana babandibantu bagiye kubukazi butandukanye mazebakaba abotwebwe ngaha muburundi twita abayaya, nababoyi, abobose ntababwiye ngahiwacuburundi dukundakubabona tukabasuzugura ariko mumfashanyo dukundaguhabwa nivyobihugu bikize zimweziva murimwenabobantu nababwiye haniwacu dukunze gusuzugura, nkabandababwirako igihecose tuzobatugifise gusuzukura abakora akazi karikokose ndabarahiye ubushomeri buzokomeza kwiyongera mugihugucacu. Ibivyosendababwiye numugenzi yabimbariye asanzwe yibera mwivyobihugu bikize gusasinzi koyampenze hagize uwusanzwe abamwivyobihugu bikize akamuhinyuza jewe vyomfasha, amushingikiyenaho nubundi vyomfasha.

  • None uwucuruza ibigori atawe yivye aba amenje? Uwo abona ko gucuruza ibigori ari kumenja aramuha basi akazi k’ubushikiranganje canke ubushingamateka. Igitanganje abo bashira ivyo kuma facebook ni abantu atamumaro namutoyiiii bamariye igihugu n’umuryango wabo bamwe barara barayenzera bashika muhira ari nk’ama parasites ngo bokora akakazi boba bagayitse bakabaho batazi ejo ingene bizomera. None ko batarashiraho abamenja bakadandaza imibiri yabo, uwudandaje ibigori niwe babona agayitse kubarusha. Ndabarahiye umuntu ashira nk’ibi kuri internet abayeho nk’ikibugu ntamuntu afise ico akora kandi yiyuba yoza gushira umuntu kuri internet ngo ngo ni uko yiyungunganije kugira yibesheho. Imana nibagirire ikigongwe kuko birumvikana ko atabwenge bagira. Hanyuma uyu Emelence, ntibikenewe ko yisigura naho yobidandaza ntiyoba agayitse kuko ntiyoba yakoze ibidakorwa. Uko ari kwose atawe yivye nibaza ko atari kumenja. Ubona abo birigwa barasogoya inzara barara mubumaraya abandi amapantaro bagenda barekuye barara mu ma boites mu bumaraya bose bofata uwo mwuga wo kudandaza ivyo bigori akamaro vyobagirira n’imiryango yabo hamwe mbere n’igihugu! Bakaba arai abamu surprenye ariko ararya nahonyene ndibaza uwutarya n’uko aba yabibuze, kiretse ko uwabigize amenyekanye ariwe agayitse, uyo mukobwa numva atangorane vyomutera kuko kuva isi iremwa siwe wambere ariye kandi sinawe wanyuma kandi sinawe wenyene kandi ntawamusanze yaryamye mw’ibarabara ngo yaborewe arabura iyo aja kubera yariye ibigori.
    Ababantu b’imburakimazi zitazi akamaro ka internet ni kubagirira ikigongwe kuko bavu ngo uwifutse ikirago kiramukwirikira vyerekana ko babonye internet batazi ico ikora baca basimbiramwo ngo nabo bateye imbere naho shwi. bameze nk’uwo woha ikaramu ariko kubera atazi ico rikora agaca aja kuritungirako inyama ngo ni umugeto ko naryo nyene risongoye.

  • Ako gakobwa karanshisha nukuri karibesheye kubera ki photoje i photo haca haba umuntu amucokoza ko yari kotsa ibnigoriiiiiiiii mushaka kumenyekana ba mugerageza muyindi nzira apana kwibershera canke kubeshera abandi

  • nahabaririmbababuze uwonumuririvyi wah?

  • uwutarya ibigor nuko atabugari arya akaz nakaz kub ww agafise nagashime uko uko kar har beshi bakipfuza bakakabura hama kuvugako sat-b yagendey kur taxi velo sicaha aba bose batunze barariciyeko hari imiryango myish gatunze har nabakipfuza bakakabur imana niy nkur nipfuzak twes twoterimber maz tugatez imbere igihugu cacu nabo bamerew nabi ntiwibagr uko warubayeh utararonk kurya wipfuza uwogufasha uterimbere ko nabandi arik bavyipfuz uzokore ineza uzoyisanga mwijuru kk ubutunz bwomwisi ubusiga mwisi nyene

  • uwutarya ibigor nuko atabugari arya akaz nakaz kub ww agafise nagashime uko uko kar har beshi bakipfuza bakakabura hama kuvugako sat-b yagendey kur taxi velo sicaha aba bose batunze barariciyeko hari imiryango myish gatunze har nabakipfuza bakakabur imana niy nkur nipfuzak twes twoterimber maz tugatez imbere igihugu cacu nabo bamerew nabi ntiwibagr uko warubayeh utararonk kurya wipfuza uwogufasha uterimbere ko nabandi arik bavyipfuz uzokore ineza uzoyisanga mwijuru kk ubutunz bwomwisi ubusiga mwisi nyene

  • uwavyanditse nkukumuteza isoni ndamugaye cane kandi yoba aje aserukira ibijuju dutunze ngaha iburundi .nkabo nibo bakwiye kuja mugasho biyitira abamenyesha makuru, umuntu wese kurinosi yo dandaza ibigori kuko kiri mugiterwa vyambere kurinosi gitanga ubutunzi mubuzima bwa bantu

  • Ivyo birababaje kandi biteyisoni.ababivuga nimburakimazi kuko nta mwuga usuzuguritse kandi udakiza kiretse kuroga

  • nibakure ahubwo nuko bo atavyobashoboye

  • ciye ndamukunda cane ok rps bz

  • yaraberewe cane ahubwo nampeko kuraje

  • NÔNE BABIBOMYE GUTE KO UBIDANDAZA JEWE NAJE MBÔNA UGIFISE MUNTOKE NDI ALLIANCE

  • Jewe ,mbonako .Atacahakihakirimwo Twese Turagakunda ,ni ,/WHAT B .Abivuze

  • Kazi Ni Kazi Jew Mbere Uwo Emelance Nciye Numva Ndamukunze Mbega Arubatse? Jew Sinanka Abarya Nabakora Kandi Akazi Nakaza

  • nukur.nibareke.kubatyoza.bababeshera.abaririnvyi.ndabakund.kuk.nanje.nipfuza.kumerankabo.

  • amazina mwayamenye njewe ndashaka umukunzi kabisa mubinfashemo.

  • jewe umwuga wo kuririmwa ndawemera% najewe mbura uburwo nkubu ndemera SATB NA YOYA uturirimwo twabo turaryoshe.sawa

  • kurya ibigori icaha kirehe se?non abo bamwararaza ntavyo barya se? nibamureke ntawodandaza ivyo atarya,

  • IZONIMUNWA NTAMURIRIMVYIKAZI WIBURUNDI YOKOTSA IBIGOR KUKO NTAKENY YAHO KORA IVYO

  • EMWE TWEBWE DUTUZWE NOKWOTSA IBIGORI TURAGOWE MWIKOMINE YACU YAGIHANGA IBUBANZA

  • Uwo Mukobwa Ndamukunda Sinziyuko Noronka Inimero Yiwe

  • Twetubiravy,wosangiyonkuru Ariyo Kko Kwotsibigori Ntakintunakimwekimaramaje,kirimwo.

  • Ahubwo uwomuntu ndamupfana cane kuko ibigori biraryoshe.

  • UMUTARAMO NKUWO YOTSA IBIGORI KUMUHANDA KABISA INYAMUKURUBIRABESHA ?KWELI?

  • UWo mukobwandamwemera kukotkurya ibigorisicaha kandinokuvyotsa sicaha.? niba.abikoro ninyunguze ? kazinikazi bugabira .siti _"

  • Abantu Baze Bararek Gusugura Akaz 1.Kurya Ikigor Sibibi 2.Kubidandaz Sibibi Ubuzima Ntaho Butaronderegwa Murakoz

  • jewe vrema icifuzo canje nagombakumenya mbega umukinyi wambere muburundi ahembwa angahe?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.