IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Emelance Emy > inkuru > Umuririmvyikazi Emelance Emy arasigura icatumye amara igihe (...)

Umuririmvyikazi Emelance Emy arasigura icatumye amara igihe ataririmba

jeudi 18 Nyakanga 2014

Umuririmvyikazi Emelance Emy aravuye mu gacerere aho abwira abakunzi biwe icatumye amara igihe kitari gito ataboneka ku rubuga rw’umuziki w’Uburundi. Ibikorwa vyamubanye vyinshi kandi asa n’uwuriko aritaza kugira ashike ku kintu kiboneka.

Mu gihe abantu benshi bahora bibaza iyo yagiye umuririmvyikazi Emelance Emy nari rya yaramenyekanye mu muziki w’Uburundi, aciye ku murongo wiwe wa facebook yanditse uku gukwrikira:"Ku bakunzi banje no ku bakunzi b’umuziki w’Uburundi.
Mu maze imisi mumbaza ibibazo ku bitandukanye ku bijanye n’akazi nsanzwe nkora k’umuziki .Bamwe barambaza impamvu ntaherutse gusohora indirimbo nshasha ,abandi bambaza ko noba narahevye kuririmba . Nkaba nashaka kubaha umuco kuri ivyo bibazo mwibaza kuko mumaze igihe mutanyumva canke mutambona . Naho mumaze igihe mutumva bishasha s’uko nahevye kuririmba ariko nafashe akanya ko kwitegura no kurondera uburyo hirya no hino kuko nsanzwe ndiko nkora urukurikirane ( Album) kandi bikaba binsaba n’uburyo butari buke .Nkaba ntashobora guheba umuziki nkuko benshi bavyibaza kuko ariko kazi gasanzwe kantunze kakaba kandihira amashure n’utundi tuntu nsanzwe nkenera .Nkaba mbandanya nkora mugukoras ibiraka hirya no hino .mu mpera zuno mwaka mugiye kwumva bimwe muvyo maze imisi nkora . Nkaba ndabashimiye ukuntu munkurikirana no kunshigikira .Imana ibahezagire !".

Mwomenya ko Emelance Emy amaze iminsi ataboneka kandi atanavugwa mu biganiro ku nsamirizi mu gihe yari yamaze kwandikisha izina ryiwe nk’umuririmvyikazi ashoboye kandi amaze gutwara n’ubushimwe butandukanye.

Umviriza wongere urabe isanamu y’ururirimbo "Yambogorera"yaronkeyeko agashimwe ka“Best female artist afrofusion”. Ninayo yanatumye aserukira Uburundi mu mwaka w’i 2012 mw’ihiganwa ryitwa SICA(Star de l’Intégration de la Culture Africaine) ribera muri Bénin ku mwaka ku mwaka.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.