IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abarundikazi bafatiwe muri Kenya bagiye mu bihugu vy’abarabu bagarukanywe mu (...)

Abarundikazi bafatiwe muri Kenya bagiye mu bihugu vy’abarabu bagarukanywe mu Burundi

samedi 26 mai 2018

Uko ari 23 bazanywe mu modoka nini zunguruza abantu (bus) bashikira ahakorera igiporisi c’inyamiramabi, muri zone ya Jabe, iri muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura.

Muri abo bigeme n’abagore 23, harimwo abari bafise amasakoshi, amavarizi biboneka ko hari ivyo bari bitwaje,abandi nabo bikaboneka ko barushe bivuye ku rugendo bakoze kugira bashike mu Burundi.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, amenyesha ko batandatu muri abo bakobwa basigaye mu gihugu ca kenya, kugira bazokwagirize abagabo babiri bagirizwa kuba aribo bari babajanye mu bihugu vy’abarabu.

Abo bigeme n’abagore bari bafatiwe mu nzu iri aho bita i Westlands,mu gisagara ca Nairobi, kuwa gatatu igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2018, mw’isakwa ryakozwe n’igiporisi ca Kenya cari caronse amakuru y’abo bantu boba bariko bitegurira kuja kudandazwa mu bihugu vy’abarabu, nk’uko vyanditswe n’ikinyamakuru "The Star" co mu gihugu ca Kenya.

Kuwa mbere igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2018, Sentare ya Kenya yarumvirije abagabo babiri bagirizwa gukora urudandazwa rw’abo bigeme b’abarundikazi bashaka kujanwa mu bihugu vy’abarabu, hamwe no kubakira bakabaha aho baba badakurikije amategeko.

Abo bigeme n’abagore b’abarundikazi 23 bakaba baje baherekwe n’abaporisi bane bo mu gihugu ca Kenya.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.