Accueil > Amakuru > umutekano > Abarundikazi bafatiwe muri Kenya bagiye mu bihugu vy’abarabu bagarukanywe mu (...)
Abarundikazi bafatiwe muri Kenya bagiye mu bihugu vy’abarabu bagarukanywe mu Burundi
samedi 26 mai 2018
Uko ari 23 bazanywe mu modoka nini zunguruza abantu (bus) bashikira ahakorera igiporisi c’inyamiramabi, muri zone ya Jabe, iri muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura.
Muri abo bigeme n’abagore 23, harimwo abari bafise amasakoshi, amavarizi biboneka ko hari ivyo bari bitwaje,abandi nabo bikaboneka ko barushe bivuye ku rugendo bakoze kugira bashike mu Burundi.
Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, amenyesha ko batandatu muri abo bakobwa basigaye mu gihugu ca kenya, kugira bazokwagirize abagabo babiri bagirizwa kuba aribo bari babajanye mu bihugu vy’abarabu.
Abo bigeme n’abagore bari bafatiwe mu nzu iri aho bita i Westlands,mu gisagara ca Nairobi, kuwa gatatu igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2018, mw’isakwa ryakozwe n’igiporisi ca Kenya cari caronse amakuru y’abo bantu boba bariko bitegurira kuja kudandazwa mu bihugu vy’abarabu, nk’uko vyanditswe n’ikinyamakuru "The Star" co mu gihugu ca Kenya.

Kuwa mbere igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2018, Sentare ya Kenya yarumvirije abagabo babiri bagirizwa gukora urudandazwa rw’abo bigeme b’abarundikazi bashaka kujanwa mu bihugu vy’abarabu, hamwe no kubakira bakabaha aho baba badakurikije amategeko.
Abo bigeme n’abagore b’abarundikazi 23 bakaba baje baherekwe n’abaporisi bane bo mu gihugu ca Kenya.


IGIHE
Messages
26 mai 2018, 18:55, par didas
Baragizigoran Kweri.Y00000
26 mai 2018, 19:03, par Didas
Yoooo,birababajep
26 mai 2018, 19:48, par NDAYISHIMIYE leonidas
Nezegw Namakur Mutugezah.Muraz Ubweng.Imana Ibaj Imber.
27 mai 2018, 12:10, par Aferky
Izo ningaruka zubuyobozi bubi aho abenegihugu bagurishwa nkimpene.Ninkokuvuga ngo nubundi twari dupfuye nabi nihahandi.
27 mai 2018, 19:58, par Pasco
Abo Nabarondera Kurya Ivyagusa Batabize Icuya.Erega Naho Mubihugu Vyabarabu Baja,barya Babize Icuya.Ahubwo Abo Bigeme Nibatekerez Bacokere Mugihugu Cabo.
30 mai 2018, 20:34, par SHEMEZIMANA
Muvyukur ubugizibwa nab muburund bwasazd abajejw intwr badufashe kugwanya ab bagizi banab.