IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > umutekano > CPP Melchiade RUCEKE: “Amasakwa-suzuma 4131 niyo yakozwe mu gihugu cose mu (...)

CPP Melchiade RUCEKE: “Amasakwa-suzuma 4131 niyo yakozwe mu gihugu cose mu mezi atatu aheze.”

Thursday 19 July 2018, by vianney

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamkuru kuruno wa kane ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya Ibiza,umunyamabanga ntayegayezwa w’ubwo bushikiranganji ,CPP Melchiade RUCEKE yamenyesheje ko mu mezi atatu aheze hibonekeje ubugizi bwa nabi butandukanye nk’ubwicanyi bufatiye ku matati y’amatongo,akaborerwe hamwe no kwemera ibintazi ,gutunga ibirwanisho bicira umuriro,ubusuma bukabije ,gukorora inda,ugutanga isumu ,kwiyahura hamwe no kudandaza n’ukwihereza ibiyayuramutwe.

CPP Melchiade RUCEKE yavuze ko mu mezi atatu aheze bashoboye gufata inkoho 28 zo mu bwoko bwa kalachnikov,inkoho imwe yo mu bwoko bwa USI,imwe ya R4 hamwe n’ibisasu ntezwantoki 143.

Uyo munyamabanga ntayegayezwa yavuze ko murico kiringo hafashwe kandi inkoho 3 za FAL,inkoho 3 za mugobore ,ibikono vy’amasasu vy’inkoho zitandukanye 59,amasasu akoreshwa ku nkoho zitandukanye 8591,igisasu ca bombe hamwe n’ibisasu biterwa abantu 2.

Mu bijanye no kurwanya inzoga zitemewe n’amategeko hamwe n’ibiyayuramutwe,ubwo bushikiranganji bwarafashe bwongera burasesa amaritiro 154.675,7 y’inzoga zitemewe,ibiro 266,651 n’udutu 4.393 vy’urumogi birafatwa hamwe n’ibiti 116 vy’urumogi vyaranduwe.

Mu gisata co kurwanya urudandazwa rutemewe n’amategeko,CPP Melchiade RUCEKE yavuze ko bafashe imifuko 77 y’ifarini y’ingano ,ibitenge 405,amakarato 8 y’imiti,amacupa 893 y’imivinyu itandukanye hamwe n’ibiro 942 vy’ikawa vyafashwe bijanywe kudandarizwa hanze y’igihugu.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.