IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi c’Uburundi kivuga ko ivyaha bijanye n’iterabwoba vyiyongereye

Igiporisi c’Uburundi kivuga ko ivyaha bijanye n’iterabwoba vyiyongereye

jeudi 8 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu biharuro bitangwa n’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko ivyaha vyakozwe vyavuye ku ncuro 1064 muri Nzero bija ku 956 muri Ruhuhuma.

"Ivyaha vyo kwica abana vyavuye kuri 53 gushika ku munani, ariko abavyeyi bakorora inda bakaba bariyongereye, bava ku munani baja kuri 13 mu kwezi kwa kabiri. Ubusuma bukabije bwavuye ku 356 buja ku ncuro 273, gufata abakenyezi ku nguvu biva kuri 151 gushika kuri 86."

JPEG - 18.9 ko
Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko inyuruzwa ry’abantu ryavuye ku munani rija kuri batanu, hamwe n’urudandazwa rw’abantu rwavuye kuri 6 ruja kuri batatu mu kwezi kwa Ruhuhuma.

Petero NKURIKIYE amenyesha ariko hari ivyaha vyibonekeje vyabaye vyinshi, nk’ivyaha bijanye n’ugutanga ishano vyavuye kuri 18 bija kuri 49, ivyaha vyo guhungabanya w’igihugu vyavuye kuri 6 bija kuri 13, ivyaha bijanye n’iterabwoba vyageze kuri 8 bivuye bu busa. Aho mu giporisi bakavuga nk’ibisasu ntezwantoke (grenades) bitanu vyatewe mu ntara za Bujumbura, Kirundo, Bubanza, hamwe na Makamba bihitana abantu batatu hamwe n’abagera kuri 18 bakomeretse. Mu giporisi c’Uburundi bemeza ko abagirizwa ivyo vyaha nka bose bahagaritswe bashikirizwa ubutungane.

Muri uku kwezi kwa Ntwarante, ubushikiranganji bw’umutekano buvuga ko bubandanya ibikorwa vyo gukinga n’ukurwanya iterabwoba, cane cane ubugizi bwa nabi bujanye n’ugutera ibisasu ntezwantoke (Grenades).


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.