Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Umuvugizi w’igisirikare amenyesha ko 79 mu bagize igitero bishwe,45 barafatwa
Yanditswe taliki ya 12-12-2015 - isaha 20:27' na Van Naris Mugisha

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Colonel Gaspard Baratuza amenyeshe ko abantu 79 mu bagize ibitero mu makambi atatu y’abasirikare mu gatondo ko kuwa gatanu igenekerezo rya 11 kigarama 2015 aribo bishwe n’igisirikare.

Mw’itangazo yasohoye ku mu hingamo wo kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 12 Kigarama 2015, Colonel Gaspard Baratuze yavuze ko abandi 45 bafashwe ,inkoho 97 nazi zigafatwe hamwe n’amasase menshi.

Muri iryo tangazo, Colonel Gaspard Baratuza yavuze ko ku ruhande rw’abajejwe umutekano,abasirikare 4 n’abapolisi 4 aribo bapfuye muri ivyo bitero,mu gihe abasoda 9 bakomeretse abapolisi 12 nabo barakomereka.

Colonel Gaspard Baratuza yarangije iryo tangazo amenyesha ko mu bari bateye hari abaciye bahungira muri zone ya Nyakabiga aho abasirikare bababkurikiye,abagize igitero bakahatakariza ibitari bike.

Umuvugizi w’igisirikare arashimira kandi abasirikare ku gikorwa bakoze co kwivuna umwansi yari yateye amakambi babamwo.

Mwomenya ko mu bucagucagu wo kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015,hatewe ikambi ya Base,ishuri kaminuza rya gisirikare ISCAM,ziri mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura hamwe n’ikambi y’abasirikare iri muri zone Ngagara mu buraruko bw’igisagara.

Ivyiyumviro vyanyu

Imana Gusa Niyo Izodadanura Iyi Ntambara Yo Muburundi .Gusa Uwo Nohanura Yosenga Cane Kuko Turi Mugihe Canyuma

9.02.2016 à 20:34
Daniel

kohaphuyebensi habaye kurasana none abafashwe babajanyehe uburundi nsindovuga bwaravuwme canke ntiawavumwe,hasigaye ahimana.

5.02.2016 à 13:59
MUHAMED PASABU

Abo Batera Uburundi Bava He ? Banyehera ? Ivyo Barya Bikura He ?

28.01.2016 à 20:07
Hatungimana Japhet.

yo allah, uraraba ugarkr abrnd nayahand nabsz ,mutama pt n ,pole nasubira acana nao wajaja,arijew harabnt bavga nab ntokwhanganra turakubna ntugre ubwob bwanyplt bamw2 ukunzwe nabant n allah nuko,,

29.12.2015 à 22:14
Gt Asman Nahimana

None Abateye Baramenyekanye Abaribo

29.12.2015 à 14:56
Sibomana Adriy

mbega ntakuri abarundi bazigera bavuga bahebe batubeshe nivyo tubona

27.12.2015 à 19:41
jonas nicigumije

aho ubujuju bwacu buhagaze n’ukwitiranya kurondera iyubahirizwa ry’amategeko ngenderwako y’abarundi na insurréction hanyuma ugafata abarundi bose bashigikiye ingendo y’ubutungane ukica "exécution extra-judiciare" ngo nibwo butungane.

abarundi ntituzokira vuba ntituzotambuka intambwe n’imwe duhagarariye kugendera ku makosa n’ukwihagira kunguvu ubutegetsi. aho nyene tukishimikiza ngo vyaciye mumatora ariko amatora yabaye mu gukumirana ntangere

27.12.2015 à 12:16
kezamutima

komera !

24.12.2015 à 05:31
h

Ntaco Twobivugako Ariko Imana Nirabe Icishe Ahayo

21.12.2015 à 15:07
J Berchmans KAMUNGU

Barahenzwe Igisirikare C’uburundi Ni Rutumwako No Hanze.Nibikebuke Bave Ibuzimu Baje Ibuntu Twubake Igihugu Cacu.Aba Birigi Bobo Bashaka Ko Tumarana

17.12.2015 à 21:12
Nkeshimana Athanase

Abarundi Turagowe Cane Ntamahoro Tuzokwigera Turonka.None Iyumvire Namw Umurundi Yica Mugenziwe Ngo Amuhoye Ubwoko Ni igipfu Mumutw No Mumutima.None Ga Kuba Umuhutu Cnk Kuba Umututs Ni Icaha ?Nobasaba Kobobiheba Kuko Buraca Bugacana Ayandi Knd Ahuri Hari Abandi.

17.12.2015 à 19:24
Master Bdi

Abarundi Turagowe Cane Ntamahoro Tuzokwigera Turonka.None Iyumvire Namw Umurundi Yica Mugenziwe Ngo Amuhoye Ubwoko Ni igipfu Mumutw No Mumutima.None Ga Kuba Umuhutu Cnk Kuba Umututs Ni Icaha ?Nobasaba Kobobiheba Kuko Buraca Bugacana Ayandi Knd Ahuri Hari Abandi.

17.12.2015 à 19:22
Master Bdi

Abarundi Turagowe Cane Ntamahoro Tuzokwigera Turonka.None Iyumvire Namw Umurundi Yica Mugenziwe Ngo Amuhoye Ubwoko Ni igipfu Mumutw No Mumutima.None Ga Kuba Umuhutu Cnk Kuba Umututs Ni Icaha ?Nobasaba Kobobiheba Kuko Buraca Bugacana Ayandi Knd Ahuri Hari Abandi.

17.12.2015 à 19:21
Master Bdi

Icyakora Petero Nkurunziza sinibaza niba arya akaryama agasinzira ? Ubu se koko yumva ko nk’amaraso yabanyagihugu anywa abona atazayaruka koko ?

17.12.2015 à 15:03
kayuki

NONE BAMWE MUBATEGETSI KOBEMEZAKO UMUTEKANO UKWIYE ABOBATERA BAVAHE CANKE NIBANDE ?IGISIRIKARE NZICARIKIRWIRIYE NONENTIBORABA IYABOBANSIBAZANANA,NONEHO IYONTAMBARAYOBIHAYE IVAGUKI ?MANA IGIHUGU KIRAHANZWE ARIKO URATUBONA TWEBWABANTUBAWE,

16.12.2015 à 21:30
SIMEON

Kuronka Inkoho Nikimwe Kumenya Kuyikoresha Nikindi

16.12.2015 à 19:48
bacemwo

Kuronka Inkoho Nikimwe Kumenya Kuyikoresha Nikindi

16.12.2015 à 19:47
bacemwo

uburundi ntibukeneye ibiganiro kuko ntacyo byamara,ahubwo hacyenewe ko nkurunziza yunamura icumu akareka kwica inzirakarengane zabarundi cg nawe akicwa uburundi bukaronka amahoro.

16.12.2015 à 16:11
ruvuto

Jew Nsimbona Igituma Hakir Abarundi Bagifis Agatima Ko Kuvyur Intambara Mu Gihugu Cacu. Ubu Abarundi B’umutima Twishakir Amahoro .Aho Kugir Inguvu Zo Gusambur Igihugu,ahubwo Tugir Inguvu Zo Kucubaka. Non Nk’abo Bantu B’ibijuju Bahendwa Bakemera Kuja Gutera Amakambi Bashak Iki ? Bitwaj Iki ?

16.12.2015 à 14:03
Eric Niyonemera

Abishwe78amafoto

15.12.2015 à 20:34
Niyonkuru
1 | 2 | 3

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.