IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > IKOH ivuga ko hari indirimbo yakoze ziriko zirasohoka hadakurikijwe (...)

IKOH ivuga ko hari indirimbo yakoze ziriko zirasohoka hadakurikijwe amategeko

mercredi 2 mai 2018

Amakuru ava muri Ikoh Multiservice, avuga ko vyose vyatanguye kumenyekana kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 1 Rusama 2018, igihe baronka amaterefone y’abamenyeshamakuru abahamagara ababaza ibijanye n’izo ndirimbo zitatu, ziri mu rukurikirane "You’ll Love Changes", ikigabane ca kabiri.

Ikoh Multiservice imenyesha ko batangaye, kuko mu bisanzwe indirimbo ziri mu rukurikirane "You’ll Love Changes VOLII" bakoranye n’abaririmvyi babiri, uko zisohoka zigatangura kuvuzwa bizwi kandi biri mu masezerano.

Ikoh Multiservice, ivuga ko gusohora indirimbo gushika aho ivuzwa, bisaba ibikorwa bitari bike, kandi mu gihe isohotse bidaciye mu mategeko, uruhombo rushika ku batari bake, mu gihe uwayitunanije aba afise ihangiro agomba gushikako.

Ikoh Multiservice ivuga ko idashobora kwihanganira ibintu nk’ivyo bikozwe hatisunzwe amategeko, ari naco gituma igiye kwitura ubutungane, kugira bufashe kurondera abo bantu bivye ibikorwa vyayo.

Kuri ivyo vyose, IKORICIZA Haruna arongoye Ikoh Multiservice ahamagarira uwoba yarashize ahabona izo ndirimbo atabizi kuzifuta, kandi asabe n’ikigongwe.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.