IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Indirimbo za Bob Marley ziracakunzwe inyuma y’imyaka 37 yitavye (...)

Indirimbo za Bob Marley ziracakunzwe inyuma y’imyaka 37 yitavye Imana

vendredi 11 mai 2018

Bob Marley kw’izina ryiwe ry’ukuri Robert Nesta Marley, yavutse kw’igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 1945, i Nine Miles,mu gihugu ca Jamaica.

Bob Marley yararirimye indirimbo nyinshi, harimwo izakunzwe cane ziri mu nkurikirane z’indirimbo, nka Exodus yasohotse mu mwaka wa 1977, Kaya yasohotse mu mwaka wa 1978,Uprising yasohotse mu mwaka wa 1980, Catch a Fire yasohotse mu mwaka wa 1973 na Ganja Gun.

Bob Marley yitavye Imana kw’igenekerezo rya 11 Rusama 1981 i Miami, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ahitanywe n’indwara ya Cancer yo ku rukoba.

Bivugwa ko Bob Marley yoba yitavye Imana amaze kuvyara abana nka Damian Marley, Ziggy Marley, Stephen Marley, hamwe n’abandi batibonekeza cane.

Indirimbo Africa Unity (Ubumwe bwa Afrika) :


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Kuri Mugisha Van Naris wanditse iyi nkuru, ngo :"Bob Marley yitavye Imana kw’igenekerezo rya 11 Rusama 1981 i Miami, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ahitanywe n’indwara ya Cancer yo ku rukoba.
    Cancer yo k’urukoba ntiyica,haba namba.Aruko abazungu bayifise ni benshi batarapfa !Ukuri ni uko yishwe na cancer yatezwe na CIA.Bisome aha n’uwayimuteze aravyiyemerera.Ng’ibi aha : https://yournewswire.com/cia-agent-deathbed-bob-marley/

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.