IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > "Umwuga wo kwandika no kuririmba niwo ugize ubuzima bwanje’’ - Yves (...)

"Umwuga wo kwandika no kuririmba niwo ugize ubuzima bwanje’’ - Yves KAMIKIWE

mardi 27 mars 2018

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, umwanditsi w’indirimbo akaba n’umuririmvyi Yves KAMIKIWE, amenyesha ko kwandika indirimbo no kuzirimba arivyo bigize ubuzima bwiwe, arico gituma nawe ategerezwa kubigira, kuko bimubeshejeho.

Yves KAMIKIWE avuga ko amaze kwandika indirimbo nyinshi, kandi amashirahamwe amaze kumwizera akamusaba ko ayafasha kwandika no kuririmba indirimbo, zifasha guhimiriza abantu bo mu mice itandukanye, yo kwitaba ibikorwa canke imigambi y’amashirahamwe .

JPEG - 32.7 ko
Yves KAMIKIWE, Ahejeje guhabwa agashimwe na AAPI muri Etiyopiya

« Hari amashirahamwe menshi ubu yanyizeye amaze kunyitura nkayafasha Nodondagura nka PANOS GRANDS LACS iri kumwe na TRADE MARK EAST AFRICA nabakoreye indirimbo itanguza ikiganiro UMUHORA RUSANGI cavuga ku rudandazwa mu karere ka Afrika y’Ubuseruko n’ayandi. »

Yves KAMIKIWE amaze gusohora inkurikirane z’indirimbo zibiri, rumwe yise Samandari rugizwe n’indirimbo 6, hamwe n’urundi yise Umwanya, rugizwe n’indirimbo umunani.

Umwanditsi w’indirimbo akaba n’umuririmvyi Yves KAMIKIWE, aheruka gutorwa kugira abe umuserukizi w’ishirahamwe AAPI (AFRICAN ARTISTS PEACE INITIATIVE)


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.