Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakunzi b’umuririmvyi Madonna baritwaye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Abakunzi b’umuririmvyi Madonna baritwaye

Abakunzi b’umuririmvyi Madonna baritwaye

mercredi 26 Kigarama 2012

Umuririmvyikazi Madonna yararemesheje igiteramo kuri uno wa gatandatu mu ntara ya Cordoba mu gihugu ca Argentine ariko kikaba kitabaye ciza ku bakunzi biwe.

Kuri uno wa gatandatu urangiye, umuririmvyikazi Madona yaratunganije igiteramo mu ntara ya Cordoba mu gihugu ca Argentine,ico giteramo kikaba catumye abakunzi biwe batari bake bitwarira uwo muririmvyikazi inyuma yaho hibonekeje ibintu bitari bike bitagenze neza igihe ico giteramo cariko kiraba mbere ibi bikaba bimaze iminsi vyibonekeza mu biteramo amaze iminsi atunganya.

Ibi ni ibihe bibi ku muririmvyikazi Madonna kuko bibonekako muri ino minsi ibijanye n’ubuhinga akoresha iyo yaremesheje igiteramo bitagenda neza,abakunzi biwe bakaba bamaze iminsi bidoga kuko ibiteramo vyiwe bibamwo ingorane zitari zike.

Nko muri ico giteramo yari yatunganije kuri uno wa gatandatu umuyagankuba waracitse bivuye ku Cuma gitanga umuyagankuba kitari kimeze neza, ivyo vyatumye igiteramo gihagarara iminota ishika kuri 45 ivyo rero bikaba bitabaye aho muri Argentine gusa kuko no kuwa gatatu uheze aho yari mu gisagara ca Santiago mu gihugu ca Chili vyabonetse ko yatanguje igiteramo acerewe amasaha arenga abiri yongera akurako umwanya wari utegekanijwe,ibi bikaba vyatumye abari bitavye ico giteramo barenga 600 bamwitwarira mw’ishirahamwe ry’abaguzi.

Haraheze igihe kitari gito umuririmvyikazi Madonna aboneka ko hari ibitagendaneza mbere benshi bakaba bibazako vyoba biva ku myaka afise itari mike ku muntu asanzwe akora umwuga wo kuririmba.

Twobamenyeshako ku myaka 54, Madonna afatwa nk’umwamikazi w’umudiho wa pop ariko bikaba vyibonekeza ko arushe inyuma y’igihe kitari gito akora uwu mwuga wo kuririmba.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.