Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakunzi b’umuririmvyi Pascal Tabu Ley bari mu kigandaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Abakunzi b’umuririmvyi Pascal Tabu Ley bari mu kigandaro

Abakunzi b’umuririmvyi Pascal Tabu Ley bari mu kigandaro

samedi 30 Munyonyo 2013

Pascal Tabu Ley batazira «Seigneur Tabuley Rochereau» yitavye Imana kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 30 Munyonyo 2013 mu gisagara ca Bruxelles, mu gihugu c’Ububirigi. Uwo muririmvyi rurangiranwa akomoka mu gihugu ca Congo yasandabiye mu bitaro yari amazemwo iminsi itari mike. Umuhungu wiwe, Charles Tabu yamenyesheje ko umuvyeyi wiwe yahitanywe n’ingwara y’igisukari.

JPEG - 16.6 ko
Umuririmvyi Pascal Tabu Ley

Pascal Tabu Ley yavukiye mu gisagara ca Bandundu ku genekerezo rya 13 Munyonyo umwaka w’1940. Yatanguye kuririmba mu masengero, ahava ahamvya imirwi y’abaririmvyi ku mashure aho yagiye ariga. Inyuma y’amashure yiwe, yarakoze mu bushikiranganji bw’indero, ahava agenwa kuba umuyobozi w’intwaro n’ubutunzi kw’ishure rya Athénée de la Gombe.

Umwuga wo kuririmba yawutanguye mu myaka y’1950 n’imyaka y’1956. Yatanguye kuririmba indirimbo yiyandikiye wenyene, aziririmbana na Grand Kalle, umwe mu baririmvyi bakomeye cane bo mu gihugu ca Congo, akaba afatwa nk’uwatanguje umudiho wa kijambere muri ico gihugu. Uwo mwuga Pascal Tabu Ley yari atanguye waramukundiye, ahava mbere ahabwa itazirano rya "Seigneur Tabuley Rochereau"

JPEG - 38.3 ko
Seigneur Tabuley Rochereau

Yahavuye ashinga umurwi wiwe "African fiesta National", umurwi wahinguye indirimbo nyinshi zatumye Pascal Tabu Ley abandanya kuba rurangiranwa mu makungu.

Umviriza imwe mu ndirimbo za Pascal Tabu Ley zakunzwe cane


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.