Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Alicia Keys yagenywe kuba umuyobozi w’ubuhinga muri BlackBerry - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Alicia Keys yagenywe kuba umuyobozi w’ubuhinga muri BlackBerry

Alicia Keys yagenywe kuba umuyobozi w’ubuhinga muri BlackBerry

vendredi 1er Ruhuhuma 2013

Ihinguriro BlackBerry ryarashikirije ubwoko bushasha bwa Z10 na Q10,ryizeye gutera imbere no guhiganwa kw’isoko inyuma y’aho umwaka uheze w’2012 wabaye umwaka utabanezereje.Igitangaza cabonetse ni igenwa rya Alicia Keys ngo abe umuyobozi w’ubuhinga.

Nk’uko amakuru dukura mu kinyamakuru 7sur7 abimenyesha, ngo ihinguriro BlackBerry ryaraye ryerekanye icipfuzo cayo.Umugwi RIM warerekanye imbere y’abamenyeshamakuru ubwoko bubiri bushasha ubwo nabwo ni Z10 na Q10 buzotuma abantu bagarukana icizere kuri iryo hinguriro,icizere catakaye muri ino myaka iheze.

JPEG - 10.4 ko

Kubera ivyo rero,iryo hinguriro ryo muri Canada rizwi kuva kera kw’izina ra RIM,ryahevye iryo zina riteye amadidane ryitwa BlackBerry.Nk’uko Thoresten Heins arongoye iryo hinguriro yabimenyesheje,ngo ubu barahinduye kuko barabonye ico bariko barakurikirana.

JPEG - 17.3 ko

Ikindi catangaje ni iboneka ry’umuririmvyi Alicia Keys. Ikindi gitangaje cane ni uko atari yaje gusa mu ntumbero yo gushikirizwa ayo mabanga ariko agaca agenwa kuba umuyobozi w’ubuhinga mw’ihinguriro Black Berry.

Nk’uko Alicia yabishikirije imbere y’abari ng’aho,yaremeye gukurikiranira hafi ibikorwa vy’abakorana n’ihinguriro kugira bateze imbere igikorwa ca BlackBerry uko iminsi izogenda irigirwa imbere.

JPEG - 7.6 ko

Abajijwe n’ikinyamakuru ABCNews,uwo muririmvyi yaremeje kuba ari mu bantu ba mbere bemera BlackBerry.Abandanya avuga ko imbere y’uko akoresha terefone ngendanwa z’ayandi mahinguriro akoresha terefone zo mu bwoko bwa BlackBerry,ariko ngo akaba yama yicuza ingene ihinguriro BlackBerry ritunganijwe.

Tubamenyeshe ko Alicia atariwe abaye umuririmvyi wa mbere agiye mu gikorwa c’ubuyobozi mw’ihinguriro kuko n’umuririmvyi Lady Gaga akora igikorwa nk’ico muri Polaroïd.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.