Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ama "CD"y’indirimbo n’isanamu za Charlotte yamaze umwanya urume rumara (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ama "CD"y’indirimbo n’isanamu za Charlotte yamaze umwanya urume rumara (...)

Ama "CD"y’indirimbo n’isanamu za Charlotte yamaze umwanya urume rumara kw’isoko

mercredi 6 Myandagaro 2014

Kuva muri Ntwarante 2013, umuririmvyikazi Charlotte yariko ategura urukwirikirane rw’indirimbo ziwe, inyuma y’umwaka urenga zisohotse amajwi n’amasanamu, uwo muririmvyikazi avuga ko indirimbo zakunzwe cane, zanaguzwe cane, ubu ariko asohora izindi, iza mbere zaraheze. Ntangorane nyishi yagiranye n’abahinyanyuzi nk’uko bishikira abandi kiretse kwigisha gutamba abakobwa bari mu murwi wiwe.

Urukwirikirane yise " Imana Ntihemuka " rurimwo indirimbo 8, Charlotte yatanguye gutororokanya indirimbo yuzuza murirwo kuva muri Ndamukiza 2013, ibikorwa vy’urukwirikirane vyagiye gutungana mu Ruheshi 2014. Kugira urukwirikirane rumare umwaka urenga rutarasohoka vyavuye hanini ku mwanya wogukora amasanamu y’indirimbo. Charlotte avuga ko vyamusaba kubanza kwigisha gutamba abakorwa bane, kandi yabigisha intambo zitandukanye ku ruririmbo rwose. Eka n’umuhinga yakoze ayo masanu yaramugoye naho bitabaye igihe kinini.

Amajwi y’indirimbo 8, yatunganijwe n’umuhinyanyuzi Lawi akorera mu Kamenge muri Blessing Studio, amasanamu yakozwe na Anselme. Izo ndirimbo mpimbazamana zikozwe mu midiho itandukanye nka country, Raggae, Zouk...n’izindi.

Charlotte icamuteye intege gusumba ibindi n’uko ama "CD" y’izo ndirimbo yamaze umwanya urume rumara kw’isoko, ama "copies" agera kuri 80 yadandajwe mu minsi mikeya cane. Ubu ariko arondera gusohora izindi "Copies".

Urukwirikirane "Imana Ntibesha" rugizwe n’indirimbo zikwirikira: " 1) Amasengesho, 2) Imana Ntibesha, 3) Igitondo, 4) Hari Igihe, 5) Urukundo, 6) Imana Irakomeye, 7) Niyo Mpamvu, 8) Amazimano".

Umviriza wongere urabe n’isanamu y’ururirimbo "Imana Ntibesha"


Cherif Nkeshimana

Messages

  • copies 80 ziguzwe nabantu bangahe? izo ninyinshi kuburyo vyoja mbinyamakuru?ngira ngo mwarihenze nimhakosore.

  • abantu tuzoba abikunda kugeza dyari,ibitekerezo dutanga mubishira hehe koduheruka twanditse ariko ntitubone ko mubisohoye?biramaze kumenyegwa ko uwanditse avuguruza ivyo mwanditse ko iciyumviro ciwe mutagisohora kubera iki:AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
    Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
    Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
    Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.Nanje Murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.