Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Angola : Mariay carey mu giteramo kidasanzwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Angola : Mariay carey mu giteramo kidasanzwe

Angola : Mariay carey mu giteramo kidasanzwe

samedi 14 Kigarama 2013

Umuririmvyikazi wo gihugu c’Amerika Mariah Carey azofata indege ubwa mbere aja mu gihugu ca Angola, aho azoba agiye ku bateramisha.

Nk’uko abariko bategura ico giteramo babimenyesha, ku mfashanyo yatanzwe n’ishirahamwe ryo gutumatumanko amakuru Unitel, Mariah Carey azogenda kwifadikanya n’abandi baririmvyi rurangiranwa nka Zona 5, B4 na Nsoki. Hazoba ari ejo ku munsi w’Imana, igenekerezo rya 15 Kigarama, ahitwa Stae de Coqueiro mu gisagara ca Luanda.

Mariah Carey kubatamuzi nk’umuririmvyikazi, n’umunyamerikakazi yavutse mu mwaka w’I 1969. Araririmba, n’umwanditsi ni kandi umukinyi w’amareresi. Urukwirikirane rwiwe rwa mbere rw’indirimbo yitiriye izina ryiwe, rwasohotse mu mwaka w’I 1990. Urwo rukwirikirane rwaramenyekanye cane kw’isi kandi rwaraguzwe bidasanzwe, indirimbo zine zirugize zarabaye iza mbere mw’itondekwa ryagizwe n’ishirahamwe ry’abanyamerika Billboard Hot 100.

Inyuma y’ubugeni bwiwe na Tony Mottola mu mwaka w’I 1993, n’inkwirikirane z’indirimbo nka Emotions (1991), Music Box (1993) na Merry Christmas (1994), Mariah Carey yaciye amenyekana nk’umuririmvyi afise indirimbo zigurwa cane kw’isi.

Urukwikirane yataziriye “Daydream (1995) » rwabaye ntibagiranwa kubera ururirimbo« One Sweet Day », yaririmbanye n’umurwi “Boyz II Men” kuko yamaze indwi 16 iri ku mutwe y’urutonde rwagizwe na rya shirahamwe Billboard Hot 100, kandi gushika izi saha ntayindi ndirimbo iraronka iryo bakwe.

Iyo ndirimbo ya Mariah Carey yari yatanguye kuyikora mu mudiho wa R&B na pop, hanyuma ahava arayihindura ayikora mu mudiho wa Hip hop, ari nawo mudiho yaciye akoramwo n’ururirimbo ’’Butterfly’’ rwasohotse mu mwaka w’i1997, muri uwo mwaka nyene yaciye yahukana n’uwo bamaranye imyaka itarenga ine bubakanye, Tony Mottola.

Fyonda aha munsi wumviriza ururirimbo "One sweet day"


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Uuh Mariah Carey afiswe na Tony Mottola, uwo niwe Michael Jackson yavuze ngo: Tony Mottola is the devil. Uyo mugabo yahinyuwe na Michael ko ari umu satanist, rero nciye numva ubwoba kandi mfitiye ubwoba Angola.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.