Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Audrey Iteriteka yabaye igihangange kw’isi kubera indirimbo ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Audrey Iteriteka yabaye igihangange kw’isi kubera indirimbo ya (...)

Audrey Iteriteka yabaye igihangange kw’isi kubera indirimbo ya Beyonce

vendredi 4 Ntwarante 2016, par egide

Audrey Iteriteka wo mu ntara ya Gitega yabaye rurangiranwa mu mihingo itandukanye y’isi yose kubera ubuhinga bw’ukuririmba yerekanye mu ndirimbo “Halo” y’Umunyamerikakazi Beyonce Knowles.

Mu mpera z’umwaka wa 2015, ku mihora ngurukanabumenyi ya Facebook, Twitter na Instagram, hanyuragiranwe amasanamu ya Audrey Iteriteka aririmba “Halo”, ibintu vyatangariwe na benshi kuko iyo ndirimbo yayisubiriyemo n’ijwi ryiza ryerekana ko afise ubuhinga bukomeye mu kuririmba.

Audrey Iteriteka amaze gusubiramo iyo ndirimbo, ibimenyeshamakuru vyinshi vyo mu Burundi vyabandanije kuvuga ubwo buhinga bwiwe gushika aho ikinyamakuru citwa “A plus” co muri Reta Zunze ubumwe za Amerika casohoye inkuru yiwe, bituma izina ryiwe rimenyekana ku rwego rukomeye kw’isi yose.

Mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane igenekerezo rya 3 Ntwarante 2016, umuririmvyi Lil Wayne yanditse ku muhora wiwe wa Facebook ko yabonye muri Audrey Iteriteka ubuhinga budasanzwe.

Mu masaha make gusa Lil Wayne ashize ubwo butumwa kuri Facebook, abantu bagera ku bihumbi 7200 bagaragaje ko bibanezereye [Like] mu gihe abarenga igihumbi bakwiragije (partager) ivyo Lil Wayne yanditse.

Mu vyiyumviro vyatanzwe, benshi basavye Lil Wayne kwinjiza uwo mukobwa mu murwi wa Young Money, abandi bagasaba Ellen Degeneres ko yomutumira mu kiganiro ciwe.

Mu ndwi zitatu ziheze nazo, umuririmvyi Taio Cruz nawe yanditse amenyesha ko Audrey Iteriteka afise ingabirano idasanzwe.

Abo baririmvyi bakomeye kw’isi bariko bakwiragiza ayo makuru ya Audrey Iteriteka w’imyaka 18 y’amavuka, mu gihe aho ari mu ntara ya Gitega atanazi ibimuvurwako. Aho asanzwe yiga kuri Lycée Sainte Thérèse y’i Gitega, Audrey Iteriteka ariko akora ibibazo vy’ishure (Examens) bisozera igice ca kabiri c’umwaka w’ishure.


IGIHE

Messages

  • Ndashimiye Audrey nkaba ndamusavye kugira inguvu muri musique kura azabandanye guserukira son pays au niveau mondial

  • None Ko Nashaka Mumfashe Ukuntu mUnoshobora Gusaba INdirimbo Ibona Hanyuma Nkayirabira Ibona Murakoze Kunyishunziza Mumpa.

  • None Ko Nashaka Mumfashe Ukuntu noshobora Gusaba INdirimbo Ibona Hanyuma Nkayirabira Ibona Murakoze Kunyishunziza Mumpa.

  • ncuti yanje shetaninumwasiwawe urunva ingene agomba agusamaze audrye nukuri nibutse ukuntusenga nokubwirakatarimana igombikwishure unvancuti yanj senga imana yawe ikwereke icowokora we irafise ico ikugombako ncuti subiramwizimana uve muvyisi ncur ubone ikiganza cimana ndizeye ko ugombumbone icimanirogukoreravuba baryusubiramwo nabo kwasatani baza sugujeyi aguciragace mwana wimana

  • Well than my sister : that’s youth could build themselves not waiting the government to empower them sell yourself ,do not be less less ;be good do not turn to young stars which will come to you as new friends c ooze an adviser ;a music teacher to be your manager and develop your skills

  • Pore kibondo urundi rwaruka rusa nawe barugize imbonerakure urundi ruba abakenyererarugamba none rusa nivyo rukora Imana ukuje imbere ikurinde ikibi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.