Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Avuye i Chicago aje gukora ibiteramo bitandukanye mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Avuye i Chicago aje gukora ibiteramo bitandukanye mu Burundi

Avuye i Chicago aje gukora ibiteramo bitandukanye mu Burundi

mercredi 13 Myandagaro 2014

Ibiteramo bitandukanye no kubonana n’abaririmvyi bataramenyekana cane ku kibuga c’umuziki w’Uburundi no mu makungu ni bimwe mu ntumbero z’umuririmvyi Aimé Mugabonihera azwi kw’izina rya Baltimore.

Aimé Mugabonihera aherutse gutahuka mu Burundi avuye mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu gisagara ca Chicago. Iruhande y’uko aje kuramutsa igihugu yari amaze imyaka 12 adahonyozamwo ikirenge, aje kugirisha ibiteramo bitandukanye. Amakuru aduha aho ari mu ntara ya Ngozi gukwiragiza impapuro ntangaza biteramo, Aimé avuga ko ahanini ivyo biteramo azobigirana n’abaririmvyi bataramenyekana cane ku ruhimbi rw’umuziki w’Uburundi na mpuzamakungu. Ubutumwa aje gutanga ni " Gukorana tugateza imbere igihugu cacu".

Aimé Baltimore azwi cane mu ruririmbo "Love Nyoko" rwateye ibibazo aho mu mico y’ikirundi "nyoko" gishaka gufatwa nk’igitutsi ariko amajambo ari muri urwo ruririmbo aratomoye.
Urukwirikira rw’ibiteramo mushobora kurusoma ku rupapuro ntangaza giteramo aha munsi :

Umviriza amajambo ari mu ruririmbo "Love Nyoko" n’isanamu yarwo


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Muvukanyi wacu AIME, turaguhaye ikaze cane mu gihugu cawe c amavukiro. Ishure ry Umuziki ndongoye I Gitega, INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, riranezerewe rwose kwumva ko wifuza gukorana n abaririmvyi bataramenyekana ku rubuga rw umuziki. Muri iryo Shure, tumaze ukwezi n igice dutanguje uruganda rwo gutanga inyigisho z urufatiro z ubuhinga bw umuziki ku misore n inkumi bo mu ntara ya Gitega, twifuza ko bazovamwo abaririmvyi n abahinga beza bazosubiza akanovera kandi bagateza imbere umuziki w’igihugu cacu.
    Ku musi wa gatandatu itariki 23 z uku kwezi nyene ni ho tuzobashikiriza impapuro zemeza ko bakurikiranye ivyo vyigwa, kandi bakazokwerekana bimwe mu vyo bize. Tukaba rero tugutumiye vy ukuri kuzohishikira kugira umenyane na bo kandi na bo bakumenye, uzoteko ubazatsurire dukeyi kuri EXPERIENCE ufise mu muziki, kuko bifuza cane ko wobashigikira mu mugambi wawe.
    Kuva itariki 22 z ukwezi kuza kw icenda na ho, INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA izokwugurura igisata cayo c imyaka itatu kizokwigisha abahinga b umuziki b Abarundi bo ku rwego rwo hejuru, bazovamwo abigisha b icigwa c umuziki mu mashure, abandi bakazoba abahinyanyuzi b umuziki, eka n abandi bakazoba abacuraranzi n abaririmvyi n abanditsi b umuziki babinonosoye.
    Twifuza kandi kuguterereza ngo ushigikire uko ushoboye iri Shure rya mbere ry umuziki twuguruye mu Burundi kugira tubashe gushika ku ntumbero twishinze yo guha igihugu cacu c Uburundi abahinga nyabo mu muziki. KAZE CANE, AIME.
    Ni Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE arongoye INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA. Tél : 79 877 097 canke 77 758 123. Email : jbaransananikiye@yahoo.fr

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.