Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Britney Spears na Jason Trawick batandukanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Britney Spears na Jason Trawick batandukanye

Britney Spears na Jason Trawick batandukanye

samedi 12 Nzero 2013

Britney Spears na Jason Trawick bari bamaze imyaka 4 kuva mu mwaka w’2009, Jason akaba yari uwahora amufasha mumuziki yahora asohora.

Uno mwaka w’2013 rero ukaba udatanguye neza kuri uwo muririmvyikazi Britney Spears. Twobamenyesha ko bari batanguye gukundana mu mwaka w’2009 bakaba bari bamaze umwaka 1 bari aba fiancé. Nk’uko ikinyamakuru Hollyscoop.com kibimenyesha ngo birashoboka ko bavanye babanje kuvyumvikana. Ngo boba bari bamaze imisi itari mike baratandukanye ariko bakaba bashatse kubanza kurindira gato ko Britney abanza kuva mukiganiro citwa The X Factor kugira ngo babimenyeshe ko bavanye.

JPEG - 136.1 ko

Britney akaba yamenyesheje ko Jason nawe ko bazobandanya ari abagenzi. Jason nawe kuruhande rwiwe akaba yamenyesheje ko ivyo bari babayemwo vyahagaze bakaba batandukiye ibindi vy’ubuzima ariko yamenyeshe ko agikunda abana ba Britney.

JPEG - 71.4 ko

Ico bibaza coba catumye batandukanya ngo n’uko Jason yoba ariwe yarasigaye ari nka se w’abana biwe mu butungane, ngo ivyo rero vyatuma amenya akantu kose Britney akoze, ivyo navyo ngo Britney ntiyarashoboye kuvyihanganira.


Grace IRIMBERE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.