Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Chris Brown muri Cȏte d’Ivoire - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chris Brown muri Cȏte d’Ivoire

Chris Brown muri Cȏte d’Ivoire

lundi 31 Kigarama 2012

Umiririnvyi w’umunyamerika Chris Brown ,yarashitse ejo ku mugwa mukuru Abidjan mu gihigu ca Cȏte d’Ivoire mu birori vy’ihigananwa ry’umuziki ryitiriwe Kora Awards.

Nk’uko ikinyamakuru Jeune Afique kibivuga , ico giteramo cari kirindiriwe n’abantu isinzi cari kuba kuri uyu wa gatandatu , ariko baracunguruza kuko umuririnvyi Chris Brown yari yitezwe muri ivyo birori ataribwashike , n’umugwi wabahinga bava mu gihugu ca Afrika y’’epfo bategerezwa gutunganya ivyuma bikoreshwa muri ico giteramo invura ntiyaborohereje kuko ku musi wa gatandatu yaguye ari nyinshi cane ku mugwa mukuru Abidjan.

Bari bungururije ivyo birori ku musi wa mbere , ariko Chris Brown amaze kwururuka indege baciye bamenyesha yuko ico giteramo kiba.Nkuko umwe mu begereye itunganywa ry’ico giteramo yabibwiye itororokanirizo ry’Abafaransa AFP ,ngo kuva mu mwaka w’1994 iryo higanwa ritanguye, hamye hibonekeza ibitagenda neza mw’itunganywa rya ryo.

Uwo muririnvyi rurangiranwa Chris Brown yategerezwa kuremesha igiteramo ejo inyuma y’’umutaga ku kibuga gikuru c’inkino c’I Abidjan. ico naco kikaba cari igiteramo citiriwe «amahoro muri Afrika » Mu baririnvyi bo muri Afrika bari bategekanijwe kumufasha kuremesha ico giteramo ,bari Paul na Peter bagize umugwi P-Square wo mu gihugu ca Nigeria.

Ubutegetsi bwa Alassane Ouattara bukaba bwarafashe mu mugongo itunganywa rya Kora Awards , kandi ku bwa reta ya Cȏte d’Ivoire , ngo ni akaryo ko gusubiza ibintu mu buryo kuva inyuma y’urwimo rw’inyuma y’amatora rwatanguye mu kwezi kwa Kigarama umwaka wa 2010 gushika mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka wa 2011 , urwimo rwahitanye abantu bagera ku bihumbi 3.000.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.