Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Giterolax yimukiye mu ndirimbo mpimbazamana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Giterolax yimukiye mu ndirimbo mpimbazamana

Giterolax yimukiye mu ndirimbo mpimbazamana

samedi 12 Gitugutu 2013

Aho twamusanze muhira aho aba muri komine Musaga, Giterolax yatubwiye ibitari bike bijanye n’umuziki wiwe. Muri iki gihe rero, Giterolax yarahinduye intumbero yo kuririmba, aho asigaye aririmba indirimbo mpimbazamana.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, amenyesha ko icatumye ahindura intumbero y’umuziki wiwe, ko igihe co kuririmbira Imana cari cageze kuko ata muntu yamubwiye ubutumwa, canke ngo amugobere, we avuga ko gusa hari hageze. Tumubajije aho asanzwe asengera, yishura ko asengera mw’isegero ryitwa Eglise de la Transformation Profonde riri mu Gasekebuye, aho ari mu baririmvyi, ategura akongera agahinyanyura indirimbo zo mw’isengero. Yabandanije atubwira ko umuziki w’Imana wamufashije cane gutera imbere mu bijanye n’ukumenya Imana n’umuziki. Ati ubu ndishimira cane umwuga, kuko ndi kumwe n’Imana ntaco ntoshobora gukora.
Ku kibazo c’aho akura amajambo akoresha mu kuririmba, Giterolax yishura ko ari mu rukundo rw’Imana n’abantu. Uyo muririmvyi rero, amenyesha ko afise urukurikirane rw’indirimbo munani ariko arategura rwitwa JEWE NA YESU.

Ku bijanye n’ukubaho kwiwe, Giterolax avuga ko umuziki atakarusho kanini umuzanira, kuko inyungu akura mu biteramo avuga ko ariyo imufasha cane cane gutegura izindi ndirimbo, ariko ko haraho aronka uwumutuma kumutegurira indimbo z’urubanza agaheza akamuha amahera canke bakamutuma kwamamaza ibidandazwa. Ubuheruka yafashije kwamamaza ibidandazwa vya Movit.

Abandanya amenyesha ko muri uku kwezi buca dutangura kwa Munyonyo, ko atagihindutse azoja mu gihugu ca Kenya, aho yatumiwe n’abaririmvyi bacuraranga indirimbo z’Imana, akazoja kubafasha igiteramo bariko barategura. Tukaba twobamenyesha ko mu giteramo co kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 13 Gitugutu, azoba ari gushigikira Mama Baby, aho atankeka indirimbo yiwe yitwa : « Mana fasha Bujumbura » ishobora kuzoronka ikibanza, akayiririmbira abakunzi biwe. Iyo nayo ikaba yabaye iya gatatu mu kwezi kwa Nyakanga, mw’ihiganwa ryabereye mu gisagara ca Bujumbura.

Mu guheraheza, Giterolax avuga ko asohorera indirimbo ziwe muri Technology Sound Studio, ariko akaba yipfuza gukorana na Mark Kibamba, umuhinyanyuzi w’umuziki.
Giterolax akaba kandi yipfuza abomufasha muvy’uburyo, kugira ashobore gusohora indirimbo nyinshi, kandi akazisohorera mu buhinyanyuzi bukomeye.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.