Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hari abaririmvyi b’abarundi badaha ikibanza Ikirundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Hari abaririmvyi b’abarundi badaha ikibanza Ikirundi

Hari abaririmvyi b’abarundi badaha ikibanza Ikirundi

mardi 5 Munyonyo 2013

Haraho bishika umuntu ntamenye akamaro k’ururimi kavukire, ariko urwo rurimi nyene kenshi ruributsa abene gihugu ko rukenewe mu buzima bwa minsi yose. Murabo badaha iteka ururimi, harimwo bamwe mu baririmvyi bahano iwacu mu Burundi.

N’aho biruko, abo nyene baraheza bakikubita agashi bamaze kubona ko kutaririmba mu rurimi kavukire bitabashikana kure, bagaheza bakavanga ikirundi n’izindi ndimi ziba ziborohera.

Amaze gusohora indirimbo zitari nke mu rurimi rw’igiswahili kandi zigakundwa cane n’abumva urwo rurimi, Hakizimana Youssouf yahavuye abona ko naho biruko atazwi nk’umuririmvyi w’umurundi, niko rero gutangura gutegura n’iz’ikirundi.

Kebby Boy, ari we Youssouf ni umuririmvyi amaze kugera ku ntambwe ishimishije, amaze gukora indirimbo nyinshi kuva aho atanguriye kuririmba mu mwaka w’2007. Muri izo ndirimbo nyinshi ziri mu rurimi rw’igiswahili, akarorero:”Chuzi langu”, urukwirikirane yise”Naliya”, “nafsi yangu”, eka n’izindi nyinshi yaririmbanye n’aba Chany, T-Max, Lolilo. Amenyesha ko zakunzwe cane, ariko ururimi zirimwo rutazwi n’abarundi bose, bigatuma atamenyekana nk’umurundi, yahisemwo rero gusohora mu Kirundi. Yaciye akorana na Sat-B ”Isubireko” irafise n’amasanamu, “Ntumbeshe” ari wenyene, “Ndi ku musego” ari kumwe na Kenny Blue.

Abwira ikinyamakuru IGIHE ko naho ikirundi haraho gishirwa inyuma na bamwe mu baririmvyi ko ururimi kavukira rukwiye gushirwa imbere, ko kandi ruteza imbere. Kebby boy abandanya avuga ko indirimbo ziwe z’ikirundi zamuhaye ubwenegihugu yari yiyatse mu kuririmba.

Mu kurangiza, asabira ikibanza c’iteka ururimi rw’abasokuru, mu mpande zose z’igihugu no mu makungu.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.