Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiteramo vya Eddy Kamoso bizoba birimwo ikizira kandi gitangaje - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ibiteramo vya Eddy Kamoso bizoba birimwo ikizira kandi gitangaje

Ibiteramo vya Eddy Kamoso bizoba birimwo ikizira kandi gitangaje

mercredi 11 Ruhuhuma 2015

Umuririmvyi, umumenyeshakuru n’umukozi w’Imana Eddy Kamoso ariko ategura ibiteramo vya mbere birimwo ibintu vyisangije. Hazoba harimwo ururirimbo rufise ico ruziririza.

JPEG - 92.7 ko
Umuvugabutumwa Eddy Kamoso

Eddy Kamoso afise ibiteramo bibiri vy’agakura bikurikirana, kimwe ni kw’igenekerezo rya 27 kuri Musée Vivant, n’ikindi catumiwemwo abantu b’iteka (VIP) kizobera kuri CLUB DU LAC TANGANYIKA kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma.

Uwo muririmvyi yasohoye ururirimbo ruzovuzwa mu biteramo ariko rufise amategeko azogenga abazoba bari mu giteramo, Kamoso ati : "Nzobacurarangira indirimbo y’ama couples iri mu mudiho wa rumba Yitwa "MUTI WA MUHOGO REMIX".

Mbega urwo ruririmbo ruzoba ruri mu giteramo ruzoba rwisangije iki?

Kamoso yongera ko ati : "Uwemerewe gutamba iyo ndirimbo ni uwuzoba ari kumwe n’umufasha wiwe gusa". Kuwoba akeneye kwumva canke guhonja gato, yokwumviriza ikiganiro "NEZERWA NA SMS MEDIA" gica kuri REMA FM ku mirongo ya 88.6, 89.00,107.5. Abari mu makungu bashobora kwumviriza baciye ku muhora wa internet www.rematelevision.com. iminsi yose kuva isaha indwi (13h20) gushika isaha umunani (14h).

Eddy Kamoso ntazotamba yirorera, akazoba ashigikiwe n’imirwi y’abaririmvyi banditse amazina y’abo mu gisata c’indirimbo mpimbazamana. Aha tuvuga nka Esther Wahome wo muri Kenya, One Nation,Three In One na Adora bo mu Burundi, Papa Emile na Gogo bo mu Rwanda. Kwinjira kuri Musée Vivant ni amahera y’amarundi ibihumbi 3 (3000 Frs bu) hamwe n’ibihumbi 10 (10000 Frs bu) kuri Club du Lac Tanganyika.

Eddy Kamoso arangiza ashimira abahinyanyuzi Kent P na Lizer Classic. Abo basivye ingendo zabo kugira baheraheze gukorana isanamu yiwe y’ururirimbo "LEWA LEWA".

Umviriza wongere urabe n’isanamu y’ururirimbo "Moto" rwa Eddy Kamoso ryakunzwe cane


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Eddy KAMOSO nibakuveko,bicaye mu madini yabo gusa barindiriye ibigiracumi namashikanwa batavuga ubutumwa,nibategure nabo ivyabo,peux importe ningene warihishije tuzoza kuko ndakuzi ingene utegura ibiteramo kandi abantu bakakira Yesu ata numu pasteur watumiye ngo avuge ubutumwa.ayo uzodusaba yose tuzoyatanga tugushigikire wewe uriko urakora.mu mashengero dutanga amahera yo kubaka inzu z’Imana tukabura aho yanyikiye tukaguma tunyagirwa kandi twaritanze.reka tuyaguhe wewe kuko ibikorwa biragaragara nutagushigikira nidaimoni tuikankamire mu izina rya Yesu.nahoho gutambana kubashakanye nibisanzwe kabisa nagasha uzanye mu muziki wa gospel mu Burundi

  • nkeneye indirimbo ziwe nozironka gute

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.