Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiteramo "Anti-Drogue Fiesta" muri SOS - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Igiteramo "Anti-Drogue Fiesta" muri SOS

Igiteramo "Anti-Drogue Fiesta" muri SOS

mardi 26 Munyonyo 2013

Patrick Gakumba Nkurunziza batazira "2ten" azobica bicike mu nzu y’ibiteramo y’ikigo "Save Our Souls" (SOS) iri muri Komine Gihosha, hazobera igiteramo gica ibibatsi. Hazoba ari kw’igenekerezo rya 15 Kigarama 2013, kuva igihe c’isaha zitatu (9h00) z’igitondo gushika isaha zitatu z’ijoro (21h).

Ico giteramo categuwe ku civugo "Luttons contre le Sida et la Drogue" bisigurwa mu rurimi rw’ikirundi « turwanye Sida n’ibiyayura mutwe ». Ico civugo catowe kuko bimaze kumenyekana ko ikiza ruhonyanganda Sida ari igitsitaza kuri kazoza k’urwaruka no ku bantu bose muri rusangi. Inzira Sida itegeramwo urwaruka ni inzira hamwe atacamiye urwaruka rwoyihoneramwo : Ubusambanyi.
Ku rundi ruhande, hari ibiyayura mutwe « Drogue » bibangamiye amagara y’urwaruka. Abateguye ico giteramo basanze rero ivyo bintu bibiri kimwe gihamagara ikindi, abagendana umugera wa Sida batitwara neza bashobora kunywa ibiyayura mutwe kugira bawiyibagize. Uwabinyoye nawe bimutwara ubwenge bigatuma akora ivyo atokoze, na Sida akayandura kuko ubwenge buba atari ikirenga.

JPEG - 13 ko
Patrick Gakumba Nkurunziza batazira "2ten"

Patrick 2ten aciye mw’ishirahamwe « APA »(Association pour la Promotion des Artistes), yasanze ibiyayura mutwe n’ikiza Sida bishobora gusiga igihugu kigaragara. Wa wundi ati:« izija guhona zihera mu ruhongore », aca yibwira rero gucisha intererano yiwe y’impanuro mu gutegura igiteramo nk’ico, aho indirimbo ziwe zitandukanye nka « Iraha y’isi », zihamagarira urwaruka kwirinda ibiyayura mutwe na Sida, zizosamirana.

Uwo muririmvyi w’umurundi, nk’uko avyivugira, yagenze amahanga menshi. Ivyo ahanura abandi yarabikoze. Yasanze yaciye mu nzira idashika,araba ibweru yibuka ubwenge, aheba kundandaza ibiyayura mutwe, aheba n’ubusambanyi. Yaranapfungiwe mu gasho ko muri Afrika y’epfo kitwa « 2ten » yagirizwa kudandaza ibiyayura mutwe. Yahamaze imyaka ibiri aca ahakura iryo ritazirano « 2ten ». Ni ico gituma agaruka guhanura urwaruka kurwanya no kwirinda Sida n’ibiyovya bwenge.

Muri ico giteramo "2ten" ntazotamba yirorera, azoba ari kumwe n’ibihangange vy’abaririmvyi nka Mkombozi, Sat-b na Black-G. Hazoba kandi hatumiwe umutwa wo mu Ntara ya Kayanza aririmba mu mudiho wa Hip Hop, n’abandi basasira giteramo batandukanye. Abo bose bazoba bafise icivugo kimwe « Turwanye Sida n’ibiyayura mutwe ». Mu nteguro yiwe n’iyishirahamwe APA avugira, bipfuza ko mu batumire b’iteka n’abaserukira Reta bohishikira bakabafasha gutera akamo mu kwiyamiriza ibiyayura mutwe n’ikiza ruhonyanganda Sida mu rwaruka rw’Uburundi.

Kwinjira ni amafaranga y’amarundi 5000 mu bibanza vy’iteka, n’amafaranga 3000 mu bibanza bisanzwe. Nk’uko bimenyeshwa n’abariko bategura ico giteramo, kiratandukanye n’ibindi kubera kizotangura mu gitondo kugira ntihagire uwitwaza ijoro, maze ibirori bimucike.

Indirimbo ya 2ten "Mapato"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.