Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihiganwa rya Primusic riratanga impanuro no ku baririmvyi bataronse (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ihiganwa rya Primusic riratanga impanuro no ku baririmvyi bataronse (...)

Ihiganwa rya Primusic riratanga impanuro no ku baririmvyi bataronse ibibanza vya mbere

lundi 7 Mukakaro 2014

Abaririmvyi bo mu ntara barabandanya mu guhiganwa muri rya higanwa ritegurwa ryitirwa ikinyobwa ca Primusic. Abaririmvyi 10 bashoboye gutorwa, 2 baserikira intara ya Karusi baratowe. Hari mu giteramo gitegurwa na Brarudi kigakorwa n’abaririmvyi batowe kugira baserukire iryo shirahamwe mu mahiganwa yose.

Intara ya Karusi yabaye intara ya 5 igendewe n‘ihiganwa rya Primusic. Abaririmvyi 10 bashoboye guhiganwa, 2 muri nibo batowe kugira bazoserukire iyo ntara ku rwego rw’igihugu. Hari hiyandikishije aba bakwirikira kandi bakwirikirana uko gukwirikira:

10. Itangishaka Jacques

9. Ndihokubwayo Jean Claude

8. Mpawenimana Dedit

7. Nduwimana Joris

6. Abacu Abel Armel

5. Habarugira Laurent

4. Irankunda Steve

3. Arakaza Clovis

2. Ndagijimana Jean Prie Viator

1. Nduwayo Melchiad.

JPEG - 6.1 Mo
Nduwayo Melchiad i bubamfu na Viator i buryo, batowe i Karusi

Uwo yabaye uwa mbere mwomenyako ari impumyi, uwa kabiri nawe aherutse gutwara agashimwe kitiriwe “Isanganiro Awards”umwaka w’ 2014. Icibonekeje muri Primusic ni uko abatanga amanota aribo Arnaud Nganji, Alida Baranyizigiye na Mugisha Amir bakwirikirana uko abaririmvyi bifata bariko bararirimba bakanabaha n’impanuro zobafasha muri kazoza nk’abaririmvyi. Ivyo rero bikaba vyerekana ugushaka guteza imbere abaririmvyi b’i Burundi n’ishirahamwe Brarundi.

Nk’uko rero vyama bigenda, ibiteramo vya Primusic biteramishwa na Sat B, Rally Jo, Patient Matabaro na Sat-b, abo nabo bakaba batowe guserukira ishirahamwe Brarudi muri Primusic. Hari kandi na Christian Nsavye ajejwe kuryosha ibiteramo vya Primusic.

Mwomenyako ihiganwa rya Primusic ryabandanirije mu ntara ya Cankuzo aho ata giteramo, ariko abaririmvyi 2 baserukira intara baratowe na bi ni : Umuhoza Clementine na Kavyinabuhiye Jesus Marie Joseph.

Ikindi giteramo ni ku munsi w’Imana igenekerezo rya 06 Mukakaro mu ntara ya Ruyigi. Aho mu Ruyigi muri 10 batowe harimwo abakobwa 2 n’umukenyezi umwe. Haciye hatorwa Manirambona Dismas na Ariane Kanyamuneza.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.