Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyaka 6 iraheze Lucky Dube yitavye Imana : Ivyaranze ubuzima - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Imyaka 6 iraheze Lucky Dube yitavye Imana : Ivyaranze ubuzima

Imyaka 6 iraheze Lucky Dube yitavye Imana : Ivyaranze ubuzima

vendredi 18 Gitugutu 2013

Mu gihe haraheze imyaka 6 umuririvmyi w”igihangange Lucky Dube yitavye Imana, twashimye kugaruka ku vyaranze ubuzima bwiwe, twongere tubamenyeshe ivyo yaranguye mu mwuga w’uburirimvyi.

Umuririvmyi Lucky Philip Dube yavukiye i Ermelo mu ntara ya Mpumalanga yo muri Afrika y’Epfo, hari kw’igenekerezo rya 3 Myandagaro 1964. Abavyeyi biwe batandukanye ataravuka, bituma arerwa na nyina Sarah.
Izina Lucky (umugisha) yarihawe kuko yavutse nyina amaze igihe imbanyi zikoroka, Dube risigura (Imparage). Lucky yakuriye kwa inakuru, hamwe n’abo bavukana Thandi na Patrick, kuko nyina yakora kure.

Lucky Dube yakuze akora akazi ko gutunganya impangu, ahava aja kwiga ari naho yinjira muri The Skyway Band, umurwi w’abaririmvyi w’iryo shure. Ni naho yamenyeye Rastafari Movement. Ashikanye imyaka 18, yinjiye muri groupe ya The Love Brothers, baririmba mu mudiho wa Pop music. Muri ico gihe nyene, yakora nk’umuzamu mw’ishirahamwe Hole and Cooke.

Lucky Dube amaze kubona ko indimbo za reggae aririmba mu biteramo zikundwa cane, no kubona ko ubutumwa bwa kirasta buri mu ndirimbo z’abandi baririmvyi nka Jimmy Cliff na Peter Tosh bukenewe no mu mibano y’abanyafrika y’epfo, yaciye rero akomeza kuririmba mu mudiho wa reggae nyawo. Niho rero muri 1984 yasohora urukurikirane rwitwa "Rastas Never Die". Iyo album ntiyaguzwe cane nk’izo yasohoye mbere. Ubutegetsi bwa Afrika y’Epfo bwaciye buhagarika urwo rukwirikirane mu mwaka w’1985. Ariko ntivyamuciye intege kuko muri uwo mwaka yaciye asohora urundi rukwirikirane yise "Think About The Children." Haciye hakwirikira urukurikirane rwitwa "Lucky Dube and the Supersoul"

Yabandanije asohora kandi amenyekana bidasanzwe! Mu mwaka w’1989 yatsindiye agashimwe ka OKTV Awards ku rukurikirane Prisoner, umwaka wakurikiye atsindira iyindi OKTV Awards kubera urukurikirane "Captured Alive", naho muri 1991, aronka ubundi bushimwe bubiri kuri House Of Exile. Yabandanije asohora cane kuko nawe nyene yarishimira akazi kiwe.

Uko Lucky Dube yishwe

Kw’igenekerezo rya 18 Gitugutu 2007, Lucky Dube yari atwaye abana biwe babiri mu modoka yiwe yo mu bwoko bwa Chrysler 300C, akibasiga imbere y’urupangu rw’umwe mubo bavukana mu gace ka Rosettenville, mu gisagara ca Johannesburg, yaciye araswa n’abantu. Ico gihe vyavugwa ko ari abasuma b’imodoka. Abo bagabo baraburanishijwe, bakatirwa gufungwa ubuzima bwabo bwose.

Hari abavuga ko Lucky Dube yapfuye azize ko yoba yategekanyaga kwiyamamaza kugira azorongore igisagara ca Johannesburg. Umuntu akunzwe nka Lucky Dube rero yari afise amahirwe menshi yo gutorwa iyo aramuka yiyamamaje, bikaba rero vyoba vyaratumye yicishwa n’abanyeshari.

JPEG - 27.7 ko
Umunsi w’ugushingura Lacky Dube

Urupfu rwa Lucky Dube rwatumye abantu batangura kugaya cane igihugu ciwe, batangura no kutizera umutekano wo muri ico gihugu.
Lucky Dube yapfuye afise abana indwi n’umugore wiwe yitwa Zanele.

Kw’igenekerezo rya 21 Gitugutu 2008, inzu y’umuziki Rycodisc yo muri Leta zunze ubumwe za Amerika yarasohoye urukurikirane "Retrospective" harimwo zimwe mu ndirimbo za Lucky Dube zakunzwe, ndetse n’izindi atari yarigeze asohora. Ivyo vyatumye Lucky Dube ahabwa icubahiro kinini kw” isi yose.

Mu myaka 25 yamaze akora umuziki, Lucky Dube yari amaze gukora inkurikirane 22 ndetse zikaba zarakunzwe cane kw” isi. Uwo muririmvyi ntazopfa yibagiwe kubera ubutumwa yatanga mu ndirimbo ziwe zo mu mudiho wa Raggae.

Tubamenyeshe ko umukobwa wa Lucky Dube, Nkulee Dube, nawe ari umuririmvyi akomeye.

JPEG - 16.6 ko
Nkulee Dube, umukobwa wa Lycky Dube

Chérif Nkeshimana

Messages

  • Lucky Dube, koko yari umuririmvyi rurangiranwa kw’isi. Umugani wa Bob Marley "we loose people we need". Urupfu rwa Lucky Dube, rwababaje benshi n’ubu rugituntuje abatari bake ari naco gituma atawokwipfuriza uwundi muntu ikibi na cane cane urupfu. Umuntu yopfuma atwarwa n’urwiwe atarinze kugandagurwa. Heureusement ko sa fille atacitse inkokora, ahubwo yabandanije umwuga wa se kandi nkibaza ko Uhoraho azomufasha akanarushiriza.

  • Luck Dube Died, But He Will Never Forgetten!

  • ndimvukira ya burundindi nakunze umudiho wa laggoe nkiri muto aho nanwa dose zirenze. maze kumenya indimi nca nkunda laggue za lacky dube kuk numva ubutumwa atanga abicishije mundirimbo ziwe. urupfu rwiwe rwarambabaj rutangaza numuryango wanje kuko babonye ibimbayeko ataho vyari bwanshikire urupfu rwiwe rwatumye mpeba dose zose nafata kugeza nuyu munsi. ndifurije ubuzima bubi abamwishe mugihe batashikamye imbere y’Imana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.