Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyaka ine iraheze Christophe Matata yitavye Imana. Ni nde? Yamaze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Imyaka ine iraheze Christophe Matata yitavye Imana. Ni nde? Yamaze (...)

Imyaka ine iraheze Christophe Matata yitavye Imana. Ni nde? Yamaze iki?

samedi 3 Nzero 2015

Haraheze imyaka 4 umuririmvyi Jean Christophe Matata yitavye Imana. Yari umuririmvyi rurangiranwa mu Burundi, yaronse n’izina ry’umuserukizi w’Uburundi mu makungu kubera indirimbo ziwe.

Christophe Matata yapfuye kw’igenekerezo rya 03 Nzero 2011, mu bitaro Somerset Hospital vy’i Cap Town muri Afrika y’Epfo aho yari yitavye ibiteramo atumweko n’Abarundi babayo. Yitavye Imana amaze kugirisha ibiteramo bine, kimwe yakigirishije kuri mwaka wa mushasha w’2010, bibiri i Durban, n’ikindi c’i Johannesburg. Yafashwe ari mu giteramo i Cap Town, aca agicira hagati, aho yaca yinjizwa ibitaro, ari naho yitaba Imana isaha zitatu z’ijoro (21h00). Christophe Matata yapfuye afise imyaka 49 y’amavuka.

Christophe Matata ni nde? Yamaze iki akiri muzima?

Jean christophe Matata yavutse muri komine Kinama mu gisagara ca Bujumbura mu mwaka w’1962. Yatanguye umuziki akiri muto afise imyaka 18 y’amavuka. Aho niho yatangura kuja imbere y’abantu benshi akagira ibiteramo.

Mu mwaka w’1986 yaciye aja kuba i Kigali mu Rwanda, aca atangura kuririmba mu mudiho wa "solo". Indirimbo yiyandikiye agasubiramwo neza zatanguye gusohoka mu mwaka w’1987. Urukurikirane "Album" rwa mbere yarwise « Amaso akunda Ntabona neza », hakurikiye iyitwa « Ihorere Ntusarare » mu kwezi kwa Myandagaro 1987, hanyuma « Umpora iki ? » mu kwezi kwa Kigarama uwo mwaka nyene, yarasohoye iyindi yitwa « Murantunga » mu mwaka w’1988.

Biciye mu muziki, yaraharonkeye amafaranga atari make bituma amenyekana kw’isi nko mu mahiganwa yateguwe n’iradiyo y’abafaransa RFI.
Jean Christophe Matata yavuye mu Rwanda mu mwaka w’1990 atabishaka kubera intambara, aca asubira mu Burundi.

Album ya gatanu yabaye « N’i Nyagasambu rirarema » yasohotse mu kwezi kwa Kigarama mu mwaka w’1990 ica ituma aba umuririmvyi wa mbere mu Burundi nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru "BONEKA" casohokeye mu Bufaransa.

Mu mwaka w’1991, Christophe Matata yagiye kuba mu gihugu c’Ububiligi, aca atangura gutembera mu bihugu vya Canada, Afrika, i Buraya n’ahandi mu biteramo bitandukanye hamwe n’amasabukuru yatumirwamwo.

Igisata ca ONU kiraba ivyerekeye agateka ka zina muntu kiri i Geneve mu Buswise hamwe n’ibanki y’isi yose vyaramwikozeko mu migambi yo kurondera amahoro kw’isi kubera indirimbo ziwe zakundwa n’abanyagihugu kandi zarimwo ubutumwa bw’amahoro no gukingira abakenyezi.

Urukurikirane "Album" rwakunzwe cane kw’isi n’ubu rugifise akanovera rwitwa ’’Amaso akunda’’, rwatumye yitwa umuserukizi w’u Burundi kw’isi. Ruri mu mu mudiho wa Zouk, rukaba rwarakunzwe cane harimwo indirimbo n’ubu zikibica bigacika nka ’’Nyegera cane’’.

Yagarutse mu Burundi mu mwaka w’i 2009 aca ashinga inzu y’indirimbo ‘’studio’’ rwiwe. Yari yatanguye gutegura ibiteramo bikomeye yari kugirira mu gihugu c’u Bufaransa ari kumwe n’abandi baririmvyi nka Steven Sogo na Riziki.

Tubibutse ko igihe yitaba Imana, kiretse abanyagihugu isinzi bari baturutse mu Kinama na Kamenge aho yavukiye akongera agakurira, urwo rubanza rwari rwitabwe n’abaserukira Reta y’u Burundi, n’ingoma y’u Bibiligi ubona ko yari asanganywe ubwenegihugu bw’ivyo bihugu uko ari bibiri.

Umviriza ururirimbo amaso akunda rwa Jean Christophe Matata


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.