Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
kidum na Bonfils bagira bakore amasanamu y’ururirimbo baririmbanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > kidum na Bonfils bagira bakore amasanamu y’ururirimbo baririmbanye

kidum na Bonfils bagira bakore amasanamu y’ururirimbo baririmbanye

jeudi 12 Nyakanga 2013

Bonfils Nikiza, ni umuririmvyi w’umurundi aririmba indirimbo zo guhimbaza Imana. Uwo muririmvyi asanzwe aba mu gihugu ca Israël ubu ari hano mu gihugu ciwe c’Uburundi, akaba yiteguye kuja muri Kenya gukorana na Kidumu amasanamu y’indirimbo « Mbingu na Duniya » nk’uko bayiririmbanye.

Nk’uko uyo muririmvyi Bonfils yabibariye ikinyamakuru IGIHE, kuri uyu wa gatandatu azohaguruka mu Burundi aja kubonana na Kidumu mu gihugu ca Kenya bakabandanya ibijanye n’indirinmbo bariko barakorana yitwa « Mbingu na Duniya » iyo ndirimbo iracari mu buhinyanyuriro kwa Kamanzi, hariya mu gihugu ca Kenya aho kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 15 Nyakanga, umuhinyanyuzi azoba yayishikirije abo baririmvyi bakabandanya kuyikorera amasanamu.

Iyo ndirimbo iriko irahera mu gutunganywa mu buryo bwa Audio, abo baririmvyi bavugako bagomba kuyisohora ifise n’amasanamu yayo, ubu bakaba bagiye gukora amasanamu yayo bashaka ko aboneka mu minsi ya vuba kuko abantu benshi bayirindiranye igishika ku mvo z’uko Kidumu ataramenyerewe afasha abaririmvyi b’indirimbo zihimbaza Imana.

Bonfils yaboneyeko akanya ko kumenyesha abakunzi biwe ko niyaheza gutunganya ivy’iyo ndirimbo azobandanya urugendo yererkeza mu gihugu ca Nigeria, hanyuma aveyo aje mu gihugu ca Afriika y’Epfo, aho hose azoba ariko agenda yitabira ibiteramo bitandukanye, mu nyuma agaruke i Burundi ahakore ibiteramo bibiri bikomeye.

Ivyo bitaramo vyo mu Burundi bizoba biri mu ntumbero yo kumenyekanisha indirimbo ziwe yakoze ari muri Afurika, aho akazoba ariko agenda asozera ikiringo co gusubira mu gihugu ca Israel aho aasanzwe akorera ibikorwa vyiwe.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.