Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indirimbo zirihiwe amafaranga kugira zimenyekane vyoteza imbere (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Indirimbo zirihiwe amafaranga kugira zimenyekane vyoteza imbere (...)

Indirimbo zirihiwe amafaranga kugira zimenyekane vyoteza imbere umuziki

mercredi 19 Ruhuhuma 2014

Bamwe mu baririmvyi b’abarundi baridogera abamenyeshamakuru babasaba amahera kugira bavuze indirimbo zabo. Iyo myidogo hari n’abandi baririmvyi babona ko abaririmvyi bofata umuziki nk’akazi kabo bagashiramwo umutahe w’amafaranga kugira indirimbo zabo zivuzwe ku nsamirizi n’imboneshakure.

Mu gihe havugwa umuririmvyi muri bamwe bakiri bato mu mwuga «Underground» yasabwe amahera n’umumenyeshamakuru w’insamirizi tudashimye kwandika hano, kugira ngo amufashe mu kuvuza kenshi ururirimbo yari amuhaye. Uwo yakiriye ayo mafaranga ntiyahejeje ngo avuze rwa rurirmbo. Ku bw’ivyo, twashimye kuvugana na bamwe mu baririmvyi kugira twumve uko babibona.

JPEG - 59.1 ko
Ellyz Boy

Inyuma y’umwanya munini duhanahana ivyiyumviro, abaririmvyi Ellyz Boy n’umuririmvyi akongera akaba n’umuhinyanyuzi «ProduceKook-k, basavye ko insamirizi zokwiga ibiciro ku ruririmbo rumwe. ibiciro bizwi n’abaririmvyi, hanyuma bagaheza bakumvikana n’umuririmvyi incuro yipfuza ko ururirimbo rwovuzwa hanyuma gutanga amahera ntibibe mu kinyegero. Ellyz Boy wewe abona ko ivyo vyofasha no mw’iterambere ry’umuziki, kuko umuririmvyi yoheza agakora ururirimbo yitondeye kubera azoba azi ko ruzomutwara amafaranga menshi. Vyogabanya bamwe baririmba kugira baririmbe atari kugira ico bashikirije mu ndirimbo zabo.

JPEG - 3.6 Mo
kook-k

Ku makenga ko vyoca intege abaririmvyi bigahava bisubiza inyuma umuziki mu Burundi, Kook-k abona ko ahubwo vyofasha kuronka indirimbo nke ariko zikwije. Yongera ati :"Kuririmba ni akazi, akazi nako gasaba umutahe. Uwuzobura uwo mutahe ariko afise iyo mpano, azotezwa imbere n’ivyiyumviro vyiwe vy’umuziki. Ivyo rero vyogabanya ivyo abaririmvyi bidogera abamenyeshamakuru."

Fyonda aha munsi wirabire ururirimbo «My Princess» rw’umuririmvyi Kook-k


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.