Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jaguar : " Narambiwe n’ugutumirwa mu Burundi hama sindirimbe" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Jaguar : " Narambiwe n’ugutumirwa mu Burundi hama sindirimbe"

Jaguar : " Narambiwe n’ugutumirwa mu Burundi hama sindirimbe"

lundi 16 Nyakanga 2013

Umuririmvyi Jaguar wo mu gihugu ca Kenya yamenyekanye cane mu ndirimbo Kigeugeu, Kipepeo n’izindi amaze kuza mu Burundi yitavye ibiteramo yamara agasubira inyuma ataririmvye, nk’uko vyamugendeye mu gice ca nyuma c’igiteramo ca Primusic 2013.

Mu mwaka uheze, Jaguar yari mu baririmvyi bategerezwa kuririmba mw’isabukuru y’umuziki yitwa "Imuhira Festival". Yaraje ariko asubira inyuma ataririmbiye abarundi. Ico gihe vyaravuzwe cane ko abari bateguye iyo sabukuru bashobora kuba batumvikanye neza ku kibazo c’agahembo kiwe.

JPEG - 33.6 ko
Umuririmvyi Jaguar wo mu gihugu ca Kenya

Jaguar yari yitezwe n’insinzi ry’abantu mu giteramo ca nyuma c’ihiganwa rya Primusic nk’uko yari yahamagawe na Brarudi nk’umuririmvyi mpuzamakungu. Buca ico giteramo kiba, ku munsi wa gatanu, niho yashika i Bujumbura, aca amenyesha abamenyeshamakuru ko aje yiteguriye kwerekana aho umuziki wiwe ugeze, agakora vyose vyiza kugira ashimishe abakunzi biwe bo mu Burundi.

Muri ico giteramo, Jagwar yabaye akigera imbere y’abantu kugira atangure kuririmba, umuyagankuba uca uracika. Baciye bamenyesha ko igiteramo gisozerewe kandi atari bwaririmbe, abitavye igiteramo nabo bashira induru ku munwa, ukwidodomba kuba kwinshi.

Bamwe mu bari aho baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE bagize bati : "Muvy’ukuri ntivyumvikana ukuntu uyu muririmvyi ataririmvye kandi twari twaje kwirabira ubuhinga bwiwe. Bisa n’uko umenga vyari vyateguwe kuko kubona agishika imbere amatara agaca acika ntivyumvikana."

Uyundi yagize ati : "Mbega abategura iryo higanwa ntibari bategekanije ibikoresho bishobora gutuma ivyo vyuma vy’umuziki bibandanya gukora ku buryo umuririmvyi nk’uyo atosubizwa inyuma no kuba habaye ikibazo c’umuyagankuba?"

Ivyo vyatumye abantu benshi mu bakunzi b’uwo muririmvyi bavuga ko hoba harimwo izindi mvo, kuko bitumvikana, n’aho abateguye iryo higanwa babandanya bavuga ko ikibazo cabaye ic’umuyagankuba gusa.

Ku ruhande rwa Jaguar, yamenyesheje ko yababaye cane kubona adateramishije abarundi kandi yari yaje yavyiteguriye, aca avuga ko yafashe ingingo yo kutazosubira gupfa kwihutira kuza mu biteramo vyo mu Burundi, kuko amaze kurambirwa no kuza mu kazi agasubira inyuma adakoze.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.