Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kanye West mu giteramo i Tempa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kanye West mu giteramo i Tempa

Kanye West mu giteramo i Tempa

jeudi 5 Kigarama 2013

Mu giteramo yariko agirisha i Tempa mu ntara ya floride iri amaja epfo y’Amerika, Kanye West yagomvye kwirahira abo mu buhinga bw’ivyuma. Yarashavuye gushika aho aca ururirimbo, akava aho baririmbira akaja kubatuka.

Muri kamere kiwe, Kanye West yari inka n’imirima, ariko kuri uwo munsi w’igenekerezo rya 30 Munyonyo yari yariye amavubi. Agishika i Tempo aho yateguriye igiteramo, uwo muririmvyi yaratekanye, aryohewe, n’igiteramo catanguye neza. Ibintu vyagiye guhinduka aho ivyuma bihinduriye bikazana umuco umeze nabi, ntihabone neza. Si ivyo gusa, ni abari ku mboneshakure(eclat plat) berekana ishusho yiwe. Ica mushavuje kuruta ibindi n’uko berekanye i foto yiwe irimwo amabara(photo en couleur) kandi nawe yayishaka yirabura ikera(noir sur blanc), amajwi yasohoka ntiyibaza ko ariwe ari aririmba, ng’iryo rero ishavu rikuye imutwe.

Ivyo vyaramunaniye kwihanganira, kuko agitanguye ururirimbo rwiwe rwa gatatu, yaraturikishije atuka abari mu buhinga bw’ivyuma. Nk’uko Sean Daly akora mu kinyamakuru Tampa Bay Times abivuga, ishavu ryarengeye ubwenge kuko n’abari bitavye ico giteramo yarabakankamiye. Muri bose, uwitwa Laura wewe yagomvye no gukubitwa kubera atatumbereje neza « micro »ya Kenye West. Haheze umwanya akankamye ngo bazimye amatara yose, yaragarutse, aho yaca atera ururirimbo Send it up. Uri abandi bati, Kim Kardashian, umugore wa Kenye yategerezwa kumwigisha kugabanya ishavu imbere y’uko iminsi mikuru irangiza umwaka ishika.
Ishavu rimuniga, raba wongere wumvirize ingene Kenye West yishura uwari mu buhinga bw’ivyuma yariko agerageza kumuhumuza.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.