Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Koffi Olomide agiye guhagarika kuririmba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Koffi Olomide agiye guhagarika kuririmba

Koffi Olomide agiye guhagarika kuririmba

lundi 5 Myandagaro 2013

Koffi Olomide aheruka kumenyesha ikinyamakuru congoMikili.com inkuru itaza kunezereza na gato abakunzi biwe.
Uwo muririmvyi rurangiranwa azwi kw’izina rya Antoine yamenyesheje ko agiye guhagarika kuririmba. ariko n’aho ahagaritse, yaribukije urukundo akunda umuziki n’urwo akunda abakunzi biwe ari nabo batumye aba uwo ariwe uno musi.

Inyuma y’inkurikirane z’indirimbo 19 hamwe n’indirimbo zitazigera zibagirwa mu mitwe y’abanyafrika, Koffi Olomide yashimye guhagarika umuziki.
Kuva ubu, nta rundi rukurikirane na rumwe azosubira gusohora kiretse ururirimbo rumwe rukiri mu nzu y’ubuhinyanyuro.

Uwo muririmvyi Kofi Olomide amenyesha ko atohagarika umuziki wiwe adahaye abakunzi biwe urukurikirane rwa nyuma rw’indirimbo bazohora bamwibukirako.
Urukurikirane rw’indirimbo rugira 20 rukaba ari narwo rwa nyuma rukazoba rwitwa "13 ème apôtre’’ bisobanura "intumwa ya 13" Urwo rukurikirane rukazotuma abakunzi b’uwo muririmvyi bama bamwibuka.

Uwo muririmvyi Koffi Olomide akaba asaba abakunzi biwe kwihangana akabemerera ko urwo rukurikirane rwa nyuma azoshira ahabona ruzoshobora kunezereza abo bose bakunda intambo Lumba y’abakongomani.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.