Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kuri Silas Damara, umuririmvyi nyawe yoba uyu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kuri Silas Damara, umuririmvyi nyawe yoba uyu

Kuri Silas Damara, umuririmvyi nyawe yoba uyu

vendredi 12 Ndamukiza 2013

Silas Damara ni umuririmvyi w’umurundi twegereye tumubaza umuririrmvyi mwiza uwo ariwe. Mugabo imbere yaho twagomvye kumenya gato ingene yatanguye ubuzima bw’umuziki.

Silas Damara yatanguye ivyo kuririmba akiri muto. Yatanguye gukora indirimbo yiwe ya mbere afise imyaka 10 mu mwaka w’i 1993. Ubu afise indirimbo zigera kuri 50. Muri izo hari izo yaririmvye ari wenyene, izo yaririmbanye n’abandi n’izindi zicanditse zitarahinyanyurwa.

Damara ati : « Uko igihugu gitera imbere niko n’umuziki w’Uburundi utera imbere ». Ariko hagati aho, aranegura abaririmvyi bamwe bamwe b’ubu basa nabata intumbero yo kuririmba. Avuga ko intumbero nyamukuru yo kuririmba ari ukuba « umuhanuzi ». Umuririmvyi mwiza aririmba kugira atsimbataze ubumwe n’amahoro, adasize inyuma ubutumwa bwo gutsimbataza demokarasi. Ivyo vyose kandi akabikora kugira yiteze imbere, ateze imbere umuryango wiwe n’igihugu ciwe.

Mugusozera, Silas Damara avugako ukuririmba atari ukwiyerekana. Ivyo akabivuga abikuye kuvyo abona muri kino gihe aho bamwe bashira imbere ukwiyerekana. Ati, ushatse kwiyerekana akenshi ntubishikako. Vyiza nukureka ibikorwa ukora akaba ari vyo bikumenyekanisha bkanaguteza imbere.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.