Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kuririmba mu ndimi nyinshi bigeza ubutumwa kuri benshi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kuririmba mu ndimi nyinshi bigeza ubutumwa kuri benshi

Kuririmba mu ndimi nyinshi bigeza ubutumwa kuri benshi

mardi 19 Munyonyo 2013

Ni umurundi ariko yabaye mu gihugu ca Tanzaniya ndetse niyo yakuriye, ubu yaraje mu gihugu c’amavukiro, ariko afasha mw’iterambere ry’Uburundi biciye mu muziki. Kwizera Alfa aririmba mu ndimi nka zose zikoreshwa cane mu karere Uburundi burimwo, nk’ikirundi, igiswahiri, icongereza, n’izindi.

Kwizera Alfa canke Alfa Kwi Jerry yavukiye muri Tanzaniya ariko ubu ari mu Burundi, ari naco gihugu c’amavukiro yiwe. Uwo rero ariko akora umuziki mu murwi wa Divine Glory. Alfa nk’uko amaze gushira mu ngiro indoto ziwe, nazo ni gushikana ubutumwa bw’ubumwe mu Barundi, n’ubwa karere Uburundi burimwo. Kuri we, ntivyokunda ko ubutumwa bwiwe bushikira abo yabuteguriye bose ku mwanya mwiza, mu gihe abo badasangiye ururimi. Mu ndimi zikoreshwa mu karere gusumba izindi zikwiye kumenywa n’abakabamwo kugira na ntaryo bumvikane atampambanyi z’ugutahurana zigiyemwo.

Abandanya amenyesha ko ubutumwa buciye mu ndirimbo bushika kure, ko ku bw’ivyo umuririmvyi afise akamaro kanini mw’iterambere ry’igihugu eka n’isi yose ikabonerwaho. Hanini aririmba mu Congereza, azwi mu ndirimbo nka:” I give my heart to you Lord”, “I need an Angel”, ”how much” no mu Kirundi nka :”nyibuka” n’izindi usanga indimi zivanze.

Tumubajije ko atoba abigira kubera hari indimi zitamworohera, yishura ko n’ico kiri mu bituma ariko ntaco bimubuza. Ikirundi ntakivuga neza, ariko arashobora gutanga ubutumwa mu Kirundi biciye mu ndirimbo. Gikuru kuri we n’uko ubutumwa bushikira abo yabuteguriye. Alfa afise umurwi wikwije mu bijanye n’abavuza ibicurarangisho vy’umuziki. Hari uwuvuza igitari, uwuvuza inanga, eka uko ari 7 umwe wese afise icoyaje azanye mu gutegura umuziki neza.

Alfa Jerry yiga muri Kaminuza nkuru y’igihugu mu gisata ca Electromecanic. Fyonda aha munsi wirabire, wongere wumvirize indirimbo ”how much” iri mu mudiho wa Reggae


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.