Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kuza kwa Maréchal Femi De J’Abat n’umunezero kuri imwe mu miryango yugarijwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kuza kwa Maréchal Femi De J’Abat n’umunezero kuri imwe mu miryango yugarijwe (...)

Kuza kwa Maréchal Femi De J’Abat n’umunezero kuri imwe mu miryango yugarijwe n’ubukene

mercredi 16 Mukakaro 2014

Hasigaye amasaha make kugira umuririmvyi aba mu makungu Felicien Minani Nsengiymva ashika ku kibuga c’indege c’i Bujumbura. Ikimuvanye mu mahanga n’akaruhuko hamwe no gufasha imiryango y’abatwa.

Umuririmvyi Felicien Minani Nsengiyumva azwi kw’izina Maréchal Femi De J’Abat atangaza k’umurongo wiwe wa facabook ko ashika ku kibuga c’indege c’i Bujumbura igihe c’isaha indwi n’igice z’umurango. Ari kumwe n’umuryango wiwe, baje mu buruhuko kandi aje kuramutsa incuti n’abagenzi bo mu gihugu ciwe c’amavukiro.

Nk’uko Femi de J’Abat yama abigira iyo aje mu Burundi, aragendera abanyagihugu ba ntahonikora cane cane abo mu bwoko bw’abatwa, muri kano karuhuko azoja kugarukira ku miryango y’abatwa iri muri komine Isare.

Tugiye kuzobashikiriza ibikorwa vyose vy’umuririmvyi Maréchal Femi De J’Abat.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.