Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Landry Gateka ageze ku ntambwe ishimishije mu baririmvyi b’Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Landry Gateka ageze ku ntambwe ishimishije mu baririmvyi b’Uburundi

Landry Gateka ageze ku ntambwe ishimishije mu baririmvyi b’Uburundi

mardi 9 Mukakaro 2013

Landry Gateka ni umusore w’umurundi afise imyaka 19 y’amavuko, uyo musore akaba ariko aragenda atera imbere mu bijanye no kuririmba. Abamukurikiranira hagufi bakaba bavugako afise kazoza keza mu muziki ku mvo z’uko bamubona haba mu nyandiko no mu kuririmba.

Nk’uko umuhinyanyuzi Placide Pro ari nawe atunganya indirimbo z’uyo musore yabivuze ko abona uyo musore afise kazoza keza mu muziki kuko arafise ubuhinga haba mu kuririmba mbere n’inyandiko z’indirimbo ziwe. Uyo muhinyanyuzi abandanya avuga ko amaze kuraba ingene uyo mwana aririmba vyatumye aca afata intumbero yo kuba umuhanuzi canke arabira hafi ibikorwa vy’uyo mwana ( Manager nka muba hafi ndetse nkamufasha mu gutera imbere kuko mbona ko azotera intamwe ishimishije.

Ivy’uyo musore rero, biremezwa n’abamenyeshamakuru batandukanye bakurikiranira hagufi ivy’indirimbo z’abarundi. Eka ndetse n’abaje bava hanze barashima uko Landry Gateka aririmba. Belgine yumvirije akaririmbo k’uyo musore aca abarira abanyamakuru ko uyo musore afise kazoza keza mu muziki w’Uburundi.
Naho kubw’uyo muririmvyi we avugako nawe ivyo avyumvirije bimunezereza kandi bikamutera kubandanya ibikorwa vyiwe.

Abandanya avuga ko ubu ico ariko yitegurira ari ukwitabira ihiganwa rya Primusic rigira ritangure, kandi Imana ngo ibimufashijemwo azitwra neza atsinde ayo mahiganwa, na cane cane ko yagarukiye mu gice ca kane gishira icanyuma.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.