Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lauryn Hill yaciriwe umunyororo w’iminsi 90 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lauryn Hill yaciriwe umunyororo w’iminsi 90

Lauryn Hill yaciriwe umunyororo w’iminsi 90

mercredi 10 Mukakaro 2013

Umuririmvyi w’umunyamerika Lauryn Hillubu ari mw’ibohero kuva kuri uyu wa mbere yagirizwa kuba atigeze atanga ikori, naryo rikaba rirenga umuriyoni w’amadolari y’Amerika.

Mu mwaka uheze, uwo rurangiranwa w’umunyamerikakazi afise imyaka 38, ndetse akaba ari nyina w’abana 6, yaciriwe umunyororo w’amezi atatu yagirizwa kuba atatanze ikori ryo kuvyo yinjiza ringana n’umuriyoni n’ibice umunani y’amanyamerika ni ukuvuga umuriyoni n’ibice bine vy’amanyaburaya. Yagirizwa ko atatanze ikori kuva mu mwaka w’2005 gushika mu mwaka w’2007. Ariko rero we yireguye avuga ko yari yaharuye kuzoriha iryo kori umunsi umwe, ariko kandi akavuga ko yagize ingorane z’uburyo mu munsi iheze mu ndirimbo za HIP-HOP asanzwe aririmba.

Lauryn Hill yarengutse mw’ibohero rya Danbury, muri Leta ya Connecticut kuri uyu wa mbere. Uyo muririmvyi rero aho ari mw’ibohero ubu, afatwa nk’abandi bapfungwa bose bari muri iryo bohero. Mu myaka y’1990, uyo muriririmvyi yaramenyekanye cane ndetse yarakunzwe kw’isi nzima, aho abakiri bato bakunze indirimbo ziwe. Mu mwaka w’1998 naho, urukurikirane rw’indirimbo yise “The Miseducation of Lauryn Hill”. Urwo rukurikirane rero rukaba rwadandajwe amadolare y’amanyamerika imiriyoni 19.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.