Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Madonna yiyemereye ko yafashwe ku nguvu akiri muto - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Madonna yiyemereye ko yafashwe ku nguvu akiri muto

Madonna yiyemereye ko yafashwe ku nguvu akiri muto

samedi 5 Gitugutu 2013

Umuririmvyi Madona yiyemereye we nyene ko yafashwe ku nguvu atewe ubwoba ko aca acumitwa imbugita hamwe yohirahira akanka, mu myaka ya mbere agishika muri Leta zunzubumwe za Amerika.

Mu nkuru yanditswe mu kinyamakuru Harper’s Bazaar, la "Material Girl" avuga ko agishika mu gisagara ca New York akiri muto, ico gisagara nticamwakiriye neza, kuko umwaka wa mbere gusa, yafashwe ku nguvu bamufatiyeko inkoho yo mu bwoko bwa pistolet, baca bamufatira ku nguvu ku mabati y’inzu, aho bamwurije aho hejuru imbugita iri ku mugongo, mu gihe inzu yabamwo nayo, yagendewe gatatu n’abazanywe n’iryo shano.

N’aho abakoreye ivyo uyo mupfasoni asanzwe ari umuririmvyi wo mu gihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika atashatse kubavuga, binurwanurwa ko boba bari bamwe mubari bamuzi, kandi boba baba hafi y’inzu yari akose. Madona Louise Ciccone rero akaba yavutse kw’igenekerezo rya 16 Myandagaro mu mwaka w’1958, akaba ashize ukwo kuri ahabona afise imyaka 55 y’amavuko.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.