Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mbega kwiyerekana mu masanamu bari gusa bifasha iki abaririmvyi? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mbega kwiyerekana mu masanamu bari gusa bifasha iki abaririmvyi?

Mbega kwiyerekana mu masanamu bari gusa bifasha iki abaririmvyi?

mardi 4 Ntwarante 2014

Hariko haribonekeza abaririmvyi bo ku mugabane wa Afrika bariko bafata zimwe mu ngeso z’abaririmvyi bo mu bihugu vya Buraya na Amerika zitabonwa neza na benshi bo muri Afrika. Izo ngeso ni iz’abaririmvyi bafashe ingendo yogusohora amasanamu y’indirimbo zabo bambaye izuba. Barerekana kandi bimwe mu bimenyetso vya bamwe bita " illuminatis".

Kuririmba baboneka bari uko Imana yabaremye (bari gusa) mu masanamu "Video" bisa nk’ivyabaye ubuhizi ku baririmvyi cane cane bo mu bihugu vyo ku mugabane wa Amerika na Burayi. Si ivyo gusa, muri ivyo bihugu nyene hararwiriye mu baririmvyi bamwe bita "illuminatis" bagenda biyerekana ku bimenyetso vyabo bifise insiguro nkizo. Kimwe muri ivyo ni igicapo c’inyabutatu. Ivyo rero bigaheza bigaca bisubirwamwo na bamwe mu baririmvyi bo muri Afrika, tukibaza namba nabo baba barimwo, canke bavyigana kukutamenya.

Iyindi ngeso mbi yinjiye muri bamwe mu baririmvyi bo ku mugabane wa Afrika, n’ukoH hasigaye haboneka indirimbo zisohoka zirimwo amasanamu y’abakobwa bari gusa kandi berekanako bari muri wa murwi w’aba "illuminatis". Akarorero ka hafi n’ururirimbo "Naija Bad Girl" rw’umuririmvyikazi Maheeda avuka mu gihugu ca Nigeriya.

Isanamamu "Video" ibonekamwo uwo mukobwa atamba yambaye agahuzu kagufi cane ariko mu nyuma araboneka ari uko yaremwe, n’umwotsi mwinshi w’itabi yariko arasogota. Si uko gusa, Maheeda araboneka ari mu nyabutatu. Iyo nayo ni kimwe mu bimenyetso bikoreshwa n’aba "illuminatis". Iyo sanamu rero iriko ibonwa n’abi kandi iriko itera ibibazo benshi.
Aba n’abandi baribaza ko bamwe mu baririmvyi bo muri Afrika boba babigira bazi ivyo bagira, abandi bakibaza ico boba bakundira kwikura impuzu bariko bararirimba cane cane abakobwa. Mbega abo baja muba "illuminatis" boba bazi neza ivyarivyo?

Raba isanamu y’ururirimbo rwa Maheeda " Naija Bad Girl


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.