Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Melchior SENDEGEYA yafatwa nk’inararibonye y’umuziki yitavye Imana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Melchior SENDEGEYA yafatwa nk’inararibonye y’umuziki yitavye Imana

Melchior SENDEGEYA yafatwa nk’inararibonye y’umuziki yitavye Imana

mercredi 3 Kigarama 2014

Uburundi bwaraye bubuze umwe mubaririmvyi bafatwa nk’ibigega vy’umuziki w’Uburundi. Ivyo rero umuziki w’Uburundi ugenda uratakaza imboneza uko imisi igenda bigasa n’isoko vy’akanovera k’umuziki ririko riruma.

Umutama w’inararibonye mu muziki w’Uburundi, Melchior SENDEGEYA yaritavye Imana, bigasa n’uko ari ububiko bw’ibitabu (Bibliothèque) buhiye. Uwo mutama yaryamiye ukuboko kw’abagabo azwi mu ndirimbo nyinshi zakunzwe cane mu bihe vya kera.
Zimwe mu ndirimbo zitandukanye yaririmvye ni nka "Imfura yanje Consolata yataye ishure atahana inda",Uwo muririmvyi yari imboneza, kuko niwe yanaririmvye indirimbo insamirizi n’imboneshakure y’igihugu bikoresha mu kwugurura ibiganiro bimwe bimwe. Aho twovuga nk’akaririmbo " Agashitsi ka kera ng’ako, ukuri nyakuri ng’uko", akaririmbo gatangura ikiganiro "Tasha incuti n’abagenzi", hamwe n’akugurira ikiganiro insamirizi iwacu "Insamirizi iwacu, Ntunkumire", na "Tumarane irungu".

Melchior SENDEGEYA yitavye Imana kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 30 Munyonyo, muri komine Giteranyi intara ya Muyinga aho yari asanzwe akora muri Posita. Twobamenyesha ko uwo mutama yari yimirije gukorana indirimbo na Yoya basanzwe bavuka mu ntara imwe ya Muyinga.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Konumva gupfisha bibabaza gusumba uwubayipfiriye!? Ndababwiye ntakekeranya uburundi nabarundi turahekuwe ntakindinovuga.Niyiruhukire natwe turinyuma, ariko ndahojeje umuryango, nabakozi bakorana muri Posta ya Giteranyi Muyinga.

  • Jewe birantangaza igene umuntu nkiriya ingene bamufatanabi none ubu barageze kuvuga koyarafise akamaro izo ningorane igihe twamaranye nawe numuntu yarafise akamaro mubuzima bwigihugu imana imwakire

  • Imana ikware mubwami bwayo .ariko @igihe kubereki mutadushiriyeho akaririmbo kwamwe kiwe birababaje??abandi bajwira murashirako twirigwa duta umwanya ??dushirireko akaririmbo kamwe kiwe muzoba mukoze

  • ihangne barundu rya umutima amenyo ntakundi .ariko natw tube maso twiyegurir uhoraho kuko nitw tugezweho gutaha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.