Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Musenyeri Justin yasohoye igitabo kirimwo kugarukira umudiho (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Musenyeri Justin yasohoye igitabo kirimwo kugarukira umudiho (...)

Musenyeri Justin yasohoye igitabo kirimwo kugarukira umudiho w’Uburundi

mercredi 7 Nzero 2015

Musenyeri Justin Baransananikiye yasohoye urwandiko rurimwo uburyo abarondezi bocamwo kugira umuziki uronke akaranga wisangije, nk’uko ibindi bihugu bifita ubwoko bw’umuziki vyiharije.

JPEG - 41.9 ko
Musenyeri Justin Baransananikiye, arongoye Institut de Musicologie de Gitega

Iyo nararibonye mu muziki w’Uburundi imaze kubona ko ibindi bihugu bifita ubwoko bw’umudiho (styles) vyiharije kandi ifise n’amazina, yasohoye igitabo cofasha kugira abashakashatsi b’umuziki w’Uburundi baronke ivyo bafatirako kugira bawuhe izina wisangije mu makungu. Mu cigwa yise "Principes d’Appui à la Recherche pour la Promotion des Styles/Genres Musicaux Burundais Modernes". Musenyeri Justin aratanga akarorero k’ibindi bihugu vya Afrika bifise akaranga k’umuziki aho hari ibifise imidiho (Styles) itatu canke irenga kandi ifise n’amazina, Justin aravuga ibihugu nka : Nigeriya ifise "styles"nyinshi harimwo "Afrobeat", Kenya ifise "styles" zitatu harimwo "genge", Tanzaniya : Bongo Flava, Sénégal : mbalax.

Mu cigwa yagize, Musenyeri Justin Baransananikiye yasanze muri Afrika hari ama "styles" agera ku majana abiri 200 (200styles de musiques). Ikibabaje n’uko Uburundi butagira "styles" y’akaranga kabwo.

Musenyeri Justin Baransananaikiye arababazwa cane n’abaririmvyi b’Uburundi batakaza umwanya basubiramwo imidiho yo muri Amerika canke za Buraya, ati : "Nta muriririmvyi w’umurundi azomenyekana mu makungu kubera avuza mu mudiho wa "rap" kuko uwo mudiho ufise iyo wazananye, ntawoza abasumvya kandi bawukuriyemwo". Iyindi ngorane ihanze abaririmvyi b’abarundi n’uko bigana kandi bagenzi babo b’Abarundi, aho umwe yagize ikosa n’uwundi akarisubiramwo. Ati : "Sinemera n’agato ikirundi kiririmbwa n’abaririmvyi bacu".

JPEG - 44.5 ko
I bubamfu, Leonard Sinzinkayo, Boudi na Musenyeri bariko batanga impanuro

Musenyeri asaba ko abaririmvyi bosubira ku muzi w’umuziki wa kavukire narirya uriko urigishwa n’uwo Musenyeri nyene, asaba kandi ko aboshaka ururirimbo rwanditse neza rufise amajambo meza kandi aryohera amatwi ko bomwitura akabafasha. Uwundi muti yatanze n’uko abaririmvyi basubira mu bicurarangisho kavukire vyovyo bifise umudiho ushobora kuvamwo ururirimbo ruhimbongoje neza, umudiho ushobora kuvamwo ubwoko bw’umuziki ugezweho muri kino gihe.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru cabaye kuri uwu wa gatatu hagati y’abaririmvyi hamwe n’abahinyanyuzi, Justin Baransananikiye yasavye Leonard Sinzinkayo yaserukiye Ubushikiranganji bw’urwaruka ko bomufasha agatanguza ishuri ry’umuziki i Bujumbura, nk’uko abikora mu ntara ya Gitega, uwo muyobozi akaba asa n’uwavyemeye. Vuba ishuri y’umuziki rizoba riri mu gisagara ca Bujumbura.

JPEG - 49.8 ko
abitavye ikiganiro

Cherif Nkeshimana

Messages

  • Turashimiye cane Ubushikiranganji bw’Urwaruka, Inkino n’Imico Kama, bwateye iteka iki kiganiro nkoramutima twaremesheje mu Ngoro y’Imico Kama (Palais des Arts et de la Culture), bukaba bwari buserukiwe na Nyakwubahwa Umuyobozi Mukuru w’Imico Kama, Umushingantahe Léonard SINZINKAYO, kur’uno wa gatatu, itariki 7 Nzero.
    Turashimiye Abaririmvyi bose, hamwe n’aba DJs n’Abahinyanyuzi b’indirimbo bari baje ari benshi, tutibagiye gukengurukira bivuye ku mutima Abamenyeshamakuru na bo nyene baduteye iteka bakahibera kugira badufashe muri runo rugamba rwo KUNAGURA UMUZIKI W’UBURUNDI NGO TUWUHE IZINA NK’UKO IBINDI BIHUGU VYAGIZE KU RWEGO MPUZAMAKUNGU.

    Turakengurutse cane ijambo nyakwubahwa Umuyobozi Mukuru w’Imico kama, Léonard SINZINKAYO yadushikirije, aho yemeye ku mugaragaro :
    - ko Ubushikiranganji buzokora uko bushoboye mu gushikira uyu mugambi wari usanzwe ubaraje ishinga na bo nyene.
    - Turamukengurukiye kandi kuba yemeye ko INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA yotanguza vuba mur’iyi Ngoro y’Imico Kama, umugambi wayo wo kwigisha Ubuhinga bw’Umuziki k’Urwaruka rwinshi rw’i Bujumbura na rwo nyene ruvyifuza.
    - Turamushimiye no kuba yasezeranye ko Ubushikiranganji buzotanga uburyo bwo gutunganya vuba URUGANDA RWA MBERE NKARISHABWENGE KU BARIRIMVYI N’ABAHINYANYUZI MU BUSHAKASHATSI BWO KUNAGURA UMUZIKI W’UBURUNDI.
    Ubu rero, Baririmvyi na mwebwe bahinyanyuzi, ni igihe cacu co guhaguruka tugakora. Nk’uko na Magloire (Buddy) yabishikirije mu mpanuro yatanze, ivyo kwama turiko turigana ivyo tutazi, dusubiramwo indirimbo z’abandi tuzonona, tukongera tukabura indirimbo zo hanze, NIBIHERE ! Ni igihe co gukora, duhingure umuziki uvuye mu karanga kacu, tuwushire mu buhinga bujanye n’amategeko mpuzamakungu y’umuziki, twongere duhe agaciro ukuririmba neza mu rurimi rwacu rw’Ikirundi, maze izo ndirimbo nshasha tuzohingura dufatanije, zibe ikidandazwa dushobora gushora ku rwego mpuzamakungu nyene, kurya dushora Ikawa n’icayi n’ibindi.
    INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA ndongoye izokora uko ishoboye kwose kugira mwebwe Urwaruka rw’Abarundi mumenye ibikenewe vyose mu Buhinga bw’Umuziki. Mwebwe mwakurikiranye ICEGERANYO nashikirije ku bushakashatsi nakoze bwo GUHAGURUTSA UMUZIKI MUSHASHA WABUWE MU MuZIKI KAMA DUSANZWE DUFISE MU BURUNDI, ndabasavye ibi :
    - Nimusidukane n’iyonka, muze twige amategeko hamwe n’ubuhinga bugezweho bw’Umuziki, tuzoheza tugakoresha mu guhingura indirimbo nshasha ziranga Uburundi tuzoshobora guhiganisha ku rubuga mpuzamakungu mu Muziki. Muri mwebwe hazovamwo abigisha b’Umuziki ba karuhariwe, n’abagenduzi b’ico cigwa mu mashure Igihugu cacu gikeneye cane ubu.

    - Mwibuke rya sango twahana ryo kuzohurirako itariki 28 z’uku kwezi nyene, aho twifuza ko Umuririmvyi wese n’umuhinyanyuzi aba i Bujumbura boza, tugatangura ivyo bikorwa turi kumwe twese. Mubimenyeshe abatari baje bose kugira ntihaze hagire uwiyumvira ko twamukumiriye. Mutangure kwiyandikisha kugira itariki 28 zizoshike tumaze kumenya neza igitigiri c’abifuza kwiga, duheze dutegure ibitabo n’ibindi bikenewe bazokoresha.
    Murakoze.
    Ni Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE
    Umuyobozi wa INSTITUT DE MUSICOLOGOIE DE GITEGA
    Tel : 79 877 097 canke 77 758 123
    Email : jbaransananikiye@yahoo.fr

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.