Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Samandari n’umurwi wiwe bateguye igiteramo c’agakura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Samandari n’umurwi wiwe bateguye igiteramo c’agakura

Samandari n’umurwi wiwe bateguye igiteramo c’agakura

jeudi 30 Nzero 2014

Urukurikirane rw’indirimbo zitandatu zegeranirijwe hamwe zihabwa izina «Samandari», zizoshirwa ahabona mu giteramo categuwe n’umuririmvyi batazira Samandari.

Uwo azwi cane kw’izina rya Samandari ni Yves Kamikiwe. Samandari n’umurwi wiwe bazobica bicike mu kigo c’Abafaransa mu giteramo co gushira ahabona urukurikirane rw’indirimbo zitandatu zashizwe hamwe kw’izina rya «Samandari».
Igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, gushika isaha zibiri z’ijoro«18h00 - 20h 00», Yves hamwe n’umurwi ugizwe n’abavuza ibicurarangisho nka Siméon, Willy, Habib, Patrice, Dior n’abandi nka Bernice mwibuka mu mahiganwa ya Primusic bazobica bicike. Rwa ruririmbo Samandari mukunda cane ruzovuzwa, nantaryo nirwo ruri kw’izina ry’urwo rukurikirane. Izindi ndirimbo nka «Twihoze Ivyabaye», «Isengesho», «Mfise incuti», n’izindi ziri mu gaseke harimwo izo yaririmbanye n’ababirigi zizovuzwa.

Ku mahera y’amarundi atarenga 2500 azorihishwa ku bana canke abanyeshure bafise ikarata y’ishuri, ku bakuze ni 4000 hamwe n’7000 ku banyamahanga, igiteramwo KAMI Music Concert n’umudiho mushasha «Ingoma Style» uvanze ingoma n’ibindi bikoresho ni kubwanyu. Ivyo vyose bizoba ari ku munsi w’ejo igenekerezo rya 31 Nzero mu kigo ndangamico c’abafaransa i Bujumbura. Hazohomba uwutazoshikayo.


Chérif nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.