Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Naho umushatsi womera ku menyo si ndota nubakana na Kim" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > "Naho umushatsi womera ku menyo si ndota nubakana na Kim"

"Naho umushatsi womera ku menyo si ndota nubakana na Kim"

vendredi 18 Gitugutu 2013

N’aho ari nyina w’umwana umwe ndetse akaba yarahukanye na Kris Humphries, Kim Kardashian we ntakindi kimuraza adasinziriye atari ukwambikwa impeta y’ubugeni ku rutoke na Kanye West naho uwo atavyerekwa.

Kanye West akaba atanakimwe we kimutuma ashobora kwubakana na Kim Kardashian, umunyamerikakazi. Kanye West akaba yabariye abagenzi biwe ko adashobora kurongora uyo mupfasoni n’aho umushatsi womera ku menyo. Abandanya avuga ko adakeneye kwibona ari kumwe na Kim bariko barambikana impeta, bari imbere y’amategeko, yipfuza ko baguma ari abagenzi gusa.

Kim Kardashian w’imyaka 32, amaze kwumva ibivurwa n’uwo arota ijoro n’umurango, ubu ari mu bikorwa bidasanzwe vyo kwigira neza, ndetse n’ukwiyerekana neza, kugira Kanye West amugomwe, bubakane biciye mu mategeko. Inyuma y’amezi ane gusa yibarutse, uwo mupfasoni akaba ubu yiraba ijoro n’umurango ko amaforoma yiwe ataco araba, ndetse asubire yereke ayo maforoma yiwe abantu bose, na cane cane abakunzi harimwo uwo yita umutima wiwe, Kanye West.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.