Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Naho yakunzwe na benshi ’’My heart will go on’’ wewe ntayerekwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Naho yakunzwe na benshi ’’My heart will go on’’ wewe ntayerekwa

Naho yakunzwe na benshi ’’My heart will go on’’ wewe ntayerekwa

dimanche 17 Munyonyo 2013

Celine Dion ntakunda indirimbo yiwe “My heart will go on” naho benshi bayikunze. Biratangaje igituma mu ndirimbo nyinshi afise iyakunzwe ikongera ikanamumenyekanisha gusumba izindi ayanka.

Uwo mu ririmvyi aturuka mu gisagara ca Quebec, aho yari umutumire wa Vincent Cerruti mu kiganiro ashikiriza kw’i radiyo RFM, avuga ko “My heart will go on” atayikunda. Yayitangaje kubera umugabo wiwe yabimusavye ashimitse, naho nyene yabigize mu kumwubaha. Iyo izwi cane cane mw’ireresi yakunzwe cane “Titanic". Aho yari umutumire wa Vincent Cerruti yariko avuga ibijanye n’urukurikirane rwiwe "Loved Me back to Life" agiye gusohora vuba.

Celine Dion ati:” sinigeze ndayikunda kandi sinzigera ndayikunda, naho yoyo ubwayo yakunzwe n’abantu isinzi n’igihe ntari bwayirirmbire ku mugaragaro”. Iyo ndirimbo siwe wenyene ayanka, Kate Winslet yakinye kw’izina rya Rose muri Titanic ngo ntashaka kuyumva no mu matwi yiwe. Celine akagaruka ati:”biramusha, ayanke canke areke indirimbo ni rwanje.”

Ico kiganiro yagiranye na Vincent Cerruti kiza guca kw’iradiyo igihe c’isaha imwe n’igice z’ijoro uno munsi.

Kate Winslet

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.