Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubutumwa atanga mu masanamu n’indirimbo ni ivyamubayeko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ubutumwa atanga mu masanamu n’indirimbo ni ivyamubayeko

Ubutumwa atanga mu masanamu n’indirimbo ni ivyamubayeko

jeudi 11 Kigarama 2014

Umuririmvyi Abel Nduwayo yahejeje igikorwa yari amaranye imyaka co gukora amasanamu y’indirimbo zigize urukurikirane rwiwe. Abicishije mw’ishengero asengeramwo, ubutumwa buri mu ndirimbo ziwe buzosamirana.

JPEG - 47 ko
Umuririmvyi Abel Nduwayo

Abel NDUWAYO ati : "Uwuhoraho Arambona", iryo n’izina ry’urukurikirane kandi ni ubutumwa nyamukuru bugaruka cane mu ndirimbo icenda zirugize. Uwo muririmvyi asigura uvuga ko ubuzima bwuzuye ibigeragezo n’ingorane zitirimutsa umuntu, nk’uko yemeza kuba yaraciye mu buzima bubi ari naho avuga ati : "Uwuhoraho Arambona". Zimwe mu ndirimbo zirerekana ubwo butumwa nyamukuru, nazo ni : "Mwihangane" yaririmvye igihe isoko nkuru ya Bujumbura yasha, "Uwo Nizeye", "Hasigaye akanya gato" canke "Hari Uwo nizigiye harimwo kandi n’ururirimbo yariririmvye ahayagiza ubwiza bw’Uburundi yise "Ni Bwiza".

Abel avuga ko igikorwa kitoroshe. Urukurikirane rugizwe n’amasanamu y’indirimbo icenda (Clip-Video) yatanguye kurutegura mu mwaka w’2011. Muri Myandagaro mu mwaka w’2012, yarahejeje gukora indirimbo zose, ubu naho ahejeje kurangiza gukora amasanamu y’indirimbo zose, gutyo igikorwa aragihejeje.

Umuhinyanyuzi asigaye ari bitumwako mu gukora amasanamu, asigaye anavugwa cane kubera amasanamu ari we Fleury Pro wo muri Icom Pro niwe yakoze amasanamu (videos) mu gihe amajwi (audio) nayo yakozwe n’umuhinyanyuzi wo mu Agahogo Records ari we Placide. Abel arabashimira n’uwitwa Didier yamubaye hafi kugira ico gikorwa bikunde kiranguke.

Umunsi wo gushira ahabona urwo rukurikirane azoba ari ku munsi w’Imana igenekerezo rya 21 Kigarama mw’isengero "Guérison des Ames" yo mu Nyakabiga kuva igihe c’isaha icenda, Abel afise urutonde runini rw’abandi baririmvyi bazomushigikira. Abipfuza kugura iyo DVD bomuhamagara kuri 75 410 298, iyo numero nyene kubakoresha imihora ya Leo na Econet


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.