Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nikiza Bonfils muri Afro Music kwa Kibamba, ati:" sinogenda ntaririmbiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Nikiza Bonfils muri Afro Music kwa Kibamba, ati:" sinogenda ntaririmbiye (...)

Nikiza Bonfils muri Afro Music kwa Kibamba, ati:" sinogenda ntaririmbiye iwacu"

jeudi 15 Rusama 2014

Umuririmvyi Nikiza Bonfils yaje ava mu gihugu ca Israel aje mu gihugu c’amavukiro, asanzwe azi inzu ihinyanyura imiziki Afro Music, akamenya na Marc Kibamba ayikoreramwo. Yibwira kugenda ahakoreye ururirimbo. Ari naho twamusanze ariko amutunganiriza mu gushira amajwi mu b’icurarangusho.

JPEG - 45 ko
Ifoto:Bonfils yambaye umupira utukura, hanyuma Jiji na Kibamba

Muri Afro Music, niho twasanze umuririmvyi aba mu gihugu ca Israel, Nikiza Bonfils. Atubwira ko yaje mu Burundi kandi ashaka kuhava ahakoreye indirimbo. Twaravyiboneye kuko yariko yikora mu gahogo, atanga amajwi yiwe, umuhinyanyuzi Kibamba nawe agerageza guhuza amajwi ya Bonfils n’ibicurarangisho.

Urupapuro rwanditseko amajambo Bonfils yariko araririmba hariko igitero kimwe, tukamubazako urwo ruririmbo rufise igitero n’icitabirizo kimwe. Nawe yitwengera ati:"eka, iyi ndirimbo nahisemwo kuzoyikorana na Jiji Seven". Ivyo si imbeshere kuko muri ico cumba, Jiji Seven niyo yari kandi yariko amufasha mugushiramwo amajwi, ariko rero nawe azoshiramwo igitero ciwe.

Nikiza Bonfils aba muri Israel, yaje atumbera kwa Marc Kibamba, bitera ibibazo. Bonfils yitwengera ati: "Marc Kibamba ndamuzi kuva kera, akazi arakazi si ivyimbeshere, iyo muhejeje gukorana ntiwidoga." Ururirimbo bariko bakora rwitwa"Ntawuhwanye nawe" ntirurahera ariko inyuma y’iminsi itatu izoba y’amaze kuja.

Mwomenyako Bonfils ari umuririmvyi kuva kera, yatanguriye mu mashengero akiri mu Burundi, amaze kuja mu bihugu vya Kenya hanyuma Israel, aramaze gusohora urukwirikirane "Never Give Up"rurimwo indirimbo 14.

Umviriza aha munsi ururirimbo"Shiramanga" n’isanamu


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.