Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Rap y’abana b’abarozi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > RDC: Rap y’abana b’abarozi

RDC: Rap y’abana b’abarozi

jeudi 7 Ruhuhuma 2013

Umurwi w’abarozi babana birukanywe bakaba baba mumabarabara ya kinshasa bafashe ingingo yo gufonda umurwi utamba rap mu ntumbero yo kuraba ingene bova mu ngorane barimwo ako gakuru twagasanga mw’ireresi y’umubirigi Marc-Henri Wajnberg iyo reresi ikaba yitwa « kinshasa kids »

Abo bana bo mwibarabara benshi bakunda kwita aba « shegues » birukanywe n’imiryango yabo babagiriza ko ari abarozi, bashika 30.000 bakaba baba mw’ibarabara i kinshasa. Ubuzima bw’abo bana n’imibabaro yabo niyo yatumye Marc-Henri Wajnberg akora iyo reresi igizwe n’inkuru nyinshi zicanze n’imigani.

JPEG - 40.2 ko

I kinshasa hari amashengero y’ikanguro ashika 3.000 ayo yose akaba akora ibikorwa vyo gusenda abadayimoni bari mubana bato n’abagirijwe uburozi n’imiryango yabo. Kubera ugukubagurwa no kwumva ko watawe kw’abo bana, kwabatumye bahunga imiryango yabo bakaja hamwe n’abandi batawe nkabo.

JPEG - 10.9 ko

Muri iyo reresi Emma,Rachel n’abandi babona ko urukiza rwabo ruri mumuziki kuko bizera ko boshobora kuronka ababashigikira n’ababaha impanuro nk’umuririmvyi akuze yitwa « Bebson de la rue » yahoze mw’ibarabara, akaba yarabaye rurangiranwa cane cane mundirimbo yaririmvye yitwa « La vraie vie »(ubuzima nyakuri) iri murukurikirane (album) yitwa « kinshasa succursale » y’umuririmvyi w’umubirigi afise akabira k’abakongomani,Bahoji ; hamwe no murukurikirane rwitwa « kinshasa one two » rwakozwe na oxfam ifadikanije n’ishirahamwe ry’abaririmvyi muri congo DRC music rubicishije ku muhinga w’indirimbo w’umwongereza yitwa Damon Albarn.

JPEG - 23.3 ko

Inyuma y’aho bidashobokeye ko baririmbana n’umuririmvyi rurangiranwa Papa Wemba nkuko iyo reresi yerekana abo bana, ntibacitse intege gushika n’aho bashoboye gukora igiteramo «concert» cabo.

Abana umunani ba “kinshasa kids” barakuwe mu mabarabara ya kinshasa.
Inyuma yaho bakiniye iyo reresi umuyabaga yitwa Rachel Mwanza yatowe nk’umukinyi mukuru mw isinema yo muri canada yitwa «Rebelle» ivyo vyatumye mugihe ca Belinale 2012 ahabwa agashimwe ka Ours d’Argent kuko yabaye umukinyi rurangiranwa.

Iyo sinema “kinshasa kids” yakinywe mugifaransa no mu lingala niyo yatoranijwe muyandi masinema ashika 20 mw’isabukuru y’amasinema yabereye mu bubirigi, i Namur, i New york, BFI y’I londres, ndetse no mugihe ca zagreb film festival aho hose yagiye iraronka agashimwe n’abarorerezi.


Sylvere Bavumiragiye

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.