Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Spok’s ashaka kwerekana ubwiza bw’Uburundi mw’isanamu y’ururirimbo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Spok’s ashaka kwerekana ubwiza bw’Uburundi mw’isanamu y’ururirimbo (...)

Spok’s ashaka kwerekana ubwiza bw’Uburundi mw’isanamu y’ururirimbo "Nzobiki"

jeudi 10 Mukakaro 2014

«Umuririmvyi» Spok’s agira afate urugendo rumushikana mu ntara zo mu bumanuko bw’igihugu, agiye gufata amafoto azokoresha mw’isanamu y’ururirimbo "Nzoba iki". Spok’s ati:" Amasanamu yose ntiyofatirwa i Bujumbura."

JPEG - 58.7 ko
Umuririmvyi Spok’s

Umuririmvyi ariko ariko amenyekana cane mu muziki w’Uburundi azwi kw’izina rya Spok’s afashe urugendo rumugeza mu ntara zo mu bumanuko cane cane ahari ibibanza vy’iratiro. uwo muririmvyi ahejeje kutubwira ko aciye mw’ijenda, amanuke kw’isoko ry’uruzi Nil riri mu Rutovu, amanuke ahari amashuha muri zone Muhweza munsi y’umusozi Kibimbi. Avuye ngaho aca mu ntara ya Rutana aho bita kuri "Failles aux Allemands" ace ahingura i Gitega mu nzu ndangakaranga.

Twamubajije igituma yahisemwo ivyo bibanza, Spok’s yishurako amasanamu yose atokwama afatirwa mu mazu y’ingenzi (Hotels) meza, canke ibibanza vyiza vy’ i Bujumbura gusa kandi ruguru hariyo ibintu vyo kurata mu makungu. Spok’s kandi ashaka kwerekana ivyiza Uburundi bufise, ati:" Nshaka kwerakana ubwiza bw’Uburundi."

Uwo muririmvyi ajanye na Jonny B asanzwe ahinyanyura amasanamu y’indirimbo ziwe, ari kumwe kandi na Thierry Niyungeko karuhariwe mugufata amafoto, hamwe na mukuru we amuherekeje.

Umviriza ururirimbo "Nzobiki" rugiye rukorerwa amasanamu


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.